Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Ishengero Methodiste Libre ryatanze intererano y’amatora ya 2020
Ishengero Methodiste Libre ryatanze intererano y’amatora ya 2020
jeudi 21 juin 2018
Ayo mafaranga yatanzwe n’uwuserukira ishengero Methodiste Libre mu Burundi imbere y’amategeko, Deogratias NSHIMIRIMANA, mw’ibanki Nkuru y’igihugu, ku cicaro gikuru i Bujumbura, ari kumwe n’abarongozi b’ishengero.
Mw’ijambo yashikirije inyuma yo gutanga iyo ntererano, Musenyeri Deogratias NSHIMIRIMANA yavuze ko berekanye ko igihugu ari ica bose atawe gicagura kubera idini avamwo, kandi ko iterambere ry’igihugu riraba umurundi wese.
Musenyeri Deogratias NSHIMIRIMANA yavuze ko, igihe basaba kwemererwa gukorera mu Burundi, biyemeje gufasha mw’iterambere ry’igihugu, ari naco gituma bakoze ico gikorwa.
MUGISHA Van Naris
Messages
22 juin 2018, 11:04, par mvuzi jonas
Jewe rimwe rimwe hari ibintu ntatahura : 1. Guterera ni ngombwa abantu bose bamenye ko waterereye n’ico waterereye uwufise urubanza ? 2. Nivyo baterereye, mbega ko katorika yabikoze ntibije ahabona ivyo yakoze ntibishimwa ? 3. Ubwo iyo ntererano ingana ukwo mutanze ntabayoboke banyu ari nabo bitanga bakemera kurara ubusa barondera ijuru mu gutanga ariko uno munsi ingaruka ziyo ntererano zitazobashikako kuko ari mwebwe muzokwironkera ibiti muri Reta ? 4. Iyo ntererano mutanze iyo muyiguramwo ivya nkenerwa mukaja gufasha abagowe mu mashengero yanyu ntivyari kugira akamaro kurusha n’Imana ikabashimira kurushimiriza ? Ku bwanje iyo ntererano mwatanze nta ciza izanira abanyeshengero banyu ahubwo mwebwe nyene mufise ivyo mwironderera mushaka gushikako !! Ibuka abayoboke banyu bitanga kugira muronke ibitoro vy’imodoka zanyu !! Kuberiki abantu mutera mwigirwa inyuma y’ubugombe bw’Imana ??? Iyo ntererano iyo muyikoresha mu kwubakira abapfakazi canke impfuvyi naho nyene mwari kuba muterereye mw’iterambere !!
22 juin 2018, 18:49, par Emmanuel bi
SINDAGUHOY ICIYUMVIRO NUBURENGANZIRA BWAW KANDI NI CIZA ARIKO HANDITSW NGO<MUGAMBURUKIR ABABAGANZA>
23 juin 2018, 07:55, par mvuzi jonas
Aaaaahhhh Abatuganza bavuze bati : Ica naka woca ubikora wewe ? Nibaza ko ngaho uhihendeye cane.
15 août 2018, 09:47, par kigabo
BANYAMADINI MURAMBABAZA CYANE. MUZI LETA ICYO ARI CYO ??? NI ABANZI B’UBWAMI BWA MESSIYA. MWITONDE KUKO NIMUBURA UBWENGE IMANA IZABAREKA.