Home > Amakuru > u Burundi > Amafaranga yegeranijwe n’ikigega ca Reta mu mwaka wa 2017 yarenze ayari (...)
Amafaranga yegeranijwe n’ikigega ca Reta mu mwaka wa 2017 yarenze ayari yitezwe
Friday 2 February 2018
Ivyo yabishikirije kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2018 ariko ashikirikiza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka uheze wa 2017.
Domitien NDIHIKUWAYO yamenyesheje ko amafaranga yinjiye mu kigega ca Reta avuye hagati mu gihugu yabaye imiriyaridi 753,72 y’amafaranga y’amarundi, mu gihe ayari yategekanijwe kwegeranywa yangana imiriyaridi 720.287.938.498 y’amafaranga y’amarundi.
Uwo mushikiranganji asigura ko ayo mafaranga yiyongereye kubera ukwitanga kw’abakozi batandukanye b’ubwo bushikiranganji.
Domitien NDIHOKUBWAYO yavuze ko amafaranga yegeranijwe avuye hanze y’igihugu angana imiriyoni 203,8 z’amadorare y’abanyamerika akaba yatanzwe n’ibanki y’isi yose,ibanki y’iterambere rya Afirika BAD hamwe n’ikigega FIDA.
- Domitien NDIHOKUBWAYO,Umushikiranganji w’ikigega ca Reta
Ku bijanye n’amategeko yahinyanyuwe n’ibijanye n’itegeko rijanye no gukura itagisi ku bidandazwa bimwe bimwe kugira imfungurwa zishikire abanyagihugu ku giciro co hasi,ihinyangurwa rijanye no kugwiza akazi n’iterambere hamwe n’ibwirizwa rigenga igisata kijejwe kugenzura amasoko ya Reta.
Ku bijanye n’amasoko ya Reta,Domitien NDIHOKUBWAYO amenyesha ko ico gisata mu mwaka wa 2017, amasoko angana 830 yatanzwe aho gushika ku bice 90 kw’ijana yuguruye k’umuntu uwariwe wese ashoboye guhiganwa.
Ibitekanywa gukorwa mu mwaka wa 2018 n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ni ibijanye no gushiraho no gukoresha ubuhinga bwa none bwo ku rugero rwo hejuru kugira abatunganirizwa bikorwe mu mwanya muto,kurondera amafaranga y’agaciro hamwe no gushiraho inyubako ikigo gitoza amakori n’amatagisi kizokoreramwo.
BIKORIMANA Vianney