IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Igisata c’ubutare cinjinje amafaranga asumba ayari yitezwe’’

’’Igisata c’ubutare cinjinje amafaranga asumba ayari yitezwe’’

mercredi 14 février 2018

Mu kiganiro umushikiranganji w’amasoko ntanguvu,ubutare n’agataka Come MANIRAKIZA yaremesheje kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2017 igihe yashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017, yavuze ko ihangiro bari bihaye bayishitseko gushika ku bice 140 kw’ijana.

Umushikiranganji Come MANIRAKIZA yamenyesheje ko ubutare bwimbwe mu mwaka wa 2017 bwo mu bwoko bwa kasiterite,Wolframite,Coltan hamwe n’ubutare bita ko bucanze “Minerais mixte” bungana n’ibiro 726.245,25 ; hakaba hadandajwemwo ibiro 655.402,60.

Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko ubutare bwo mu bwoko bw’inzahabu zimbwe zongera ziradandazwa zingana ibiro 1953,02813, mu gihe ubutare bwo mu bwoko bwa Terres rares bwimbwe bwongera buradandazwa mur’uwo mwaka bungana amatoni 50.

JPEG - 34.3 ko
Come MANIRAKIZA,Umushikiranganji w’ubutare n’agataka

Umushikiranganji Come MANIRAKIZA yamenyesheje ko mu ntumbero yo kurwanya urudandazwa rwa magendu mu gisata c’ubutare, abantu 156 bimba ubutare batabifiye uburenganzira bafashwe hamwe n’ibikoresho vyakoreshwa.

Ubutare bucanze “Minerais mixte” bungana ibiro 1.077,4 nibwo bwafashwe mu mwaka wa 2017.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.