Accueil > Amakuru > u Burundi > "Impunzi zirenga izo twari twiteze muri uno mwaka ziramaze guhunguka" - (...)
"Impunzi zirenga izo twari twiteze muri uno mwaka ziramaze guhunguka" - NTAHIRAJA
mardi 26 décembre 2017
Therence NTAHIRAJA, umwunganirizi w’umushikiramganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko impunzi zirenga ibihumbi 13 zamaze gutahuka, mu gihe bari biteze abashika ibihumbi 12, imbere y’uko umwaka wa 2017 uhera.
Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko igikorwa co gutahukana impunzi zihunguka gitunganijwe neza, ku buryo n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi rifasha mu buryo bw’imodoka.
- Therence NTAHIRAJA, umwunganirizi w’umushikiramganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji
Therence NTAHIRAJA avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko ku biharuro bafise mu bushikiranganji, ku munsi ku munsi hahunguka impunzi ziri hagati ya 800 na 1000.
Ibigo bine, ic’i Gitara mu ntara ya Makamba, ic’i Songore mu ntara ya Muyinga n’ibigo vya Nyabitare na Ruyigi vyo mu ntara ya Ruyigi nivyo vyateguwe kugira vyakire abahunguka bava mu gihugu ca Tanzaniya.
Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesheje ko igikorwa c’ugutahukana impunzi z’Abarundi kizobandanya gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, abarenga ibihumbi 12 bakaba aribo bari bitezwe.
MUGISHA Van Naris