Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidumu avuga ko yariye uburozi yuriye indege imushikana muri (...)
Kidumu avuga ko yariye uburozi yuriye indege imushikana muri Kenya
mercredi 28 Ntwarante 2018, par
Kidumu yari mu Burundi kuva mu mpera z’indwi iheze, akaba yari yaremesheje igiteramo c’umuziki ku munsi wa gatandatu, aririmbira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi, mu bigo vy’i Kiriri. Aho yari yabisabwe n’ishirahamwe OIF ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa. Ku munsi wa mbere, mu gihe yari yitegeriye kwurira indege imushikana muri Kenya, niho yakikwa n’amagara, ajanwa mu bitaro. Kidumu ashikiriza ko abaganga bemeje ko yariye ishano, kandi ko n’amafyigo yiwe hamwe n’amahaha yari yashikiriwe.
- Jean NIMBONA "KIDUMU" ku kibuga c’indege ca Bujumbura, imbere y’uko yurira indege imushikana muri Kenya
Jean Pierre NIMBONA "Kidumu" amenyesha ko aho yoba yaraririye ubwo burozi ahazi, hamwe n’amasaha yabuririyeko ayazi. Avuga ariko ko adashobora kuhavuga mu bitangazamakuru. Yemeye kuhabwira abajejwe umutekano.
Egide NDUWIMANA
Messages
2 Ndamukiza 2018, 04:58, par Wassely
Abo Nabasi Bivyiza Kweli! Hakorwamatohoza Neza Hanyuma Abo Bicanyi Bafatwe! Mbe Nka Kidum Bamuhorik?
13 Ndamukiza 2018, 13:14, par eric batazira kidumu
birambabaje can