Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum abona ko umuti w’ingorane ziri mu Burundi woba ibiganiro
Kidum abona ko umuti w’ingorane ziri mu Burundi woba ibiganiro
lundi 4 Rusama 2015
Kidum asaba ko ibiganiro vyoza imbere ya vyose, kuko nta murundi ategerezwa gusumba uwundi, naho koba akarwi gatoyi canke uwuri ku butegetsi. Uburundi ni igihugu Abarundi bategerezwa gusangira.
Ubutumwa Kidum yandikiye umuvyeyi wiwe asigaranye, yagize ati:" Wewe na nyakwigendera dawe wanje mwanyigishije ubumwe. Ubumwe mu muryango, mu babanyi bacu, ubumwe mu gihugu cose. Inyigisho zanyu nazishize ku muzirikanyi, nazishize mu vyo nkora vyose. Natanguye gukwiragiza inyigisho z’amahoro n’ubumwe nkiri muto cane, kandi n’ubu nshaka kubikora kandi gushika aho Abanyagihugu bene wacu b’Abarundi bahindura ivyiyumviro. Bamenye ko ata murundi nyagupfa na nyagukira, naho koba ari akarwi k’abantu canke uwuri ku butegetsi. Uburundi ni ubwacu twese kandi ibiganiro vyategerezwa kuza mu kibanza ca mbere. Amahoro kuri twese, ntibikenewe gusambura igihugu cacu kandi".
- Uyu ni umuvyeyi wiwe yandikiye ubwo butumwa
Ivyo Kidum avubivuga mu gihe mu Burundi hari imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, aho bivugwa ko abantu 9 bamaze gupfa, abagera kuri 60 bagakomereka hamwe n’abashika 600 bapfunzwe.
Umviriza ururirimbo Kidum yise "Yaramenje"
Cherif Nkeshimana
Messages
31 Rusama 2015, 09:44, par ngendakumana
ndagushimiye.maga andikira abari imwaro nabo bzhindure.
5 Ruheshi 2015, 22:40, par VEDASTE
MWIBIBIHE JEWEMBONA YUKO ACNYEPORITIOÙE BOJAHAMWE BAKAYAGA
21 Ruheshi 2015, 21:49, par RENOVAT
NOCAKURIKANGAHEKUGIRATUVUGANE?
22 Ruheshi 2015, 00:45, par RENOVAT
NOCAKURIKANGAHEKUGIRATUVUGANE?