IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Ubutumwa bwa KIDUM ku biteramo vyiwe vyagenze nabi muri Australie

Ubutumwa bwa KIDUM ku biteramo vyiwe vyagenze nabi muri Australie

lundi 14 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi Jean Pierre NIMBONA batazira KIDUM avuga ko ibiteramo aheruka kuremesha muri Australie vyagenze nabi kubera abantu bahimirije abandi kutavyitaba, bagiriza uwo muririmvyi ko asigaye ari umunyeporitike. KIDUM arashikiriza uko yakiriye ibimuvugwako.

Mu giteramo yaherukamwo mu gihugu c’Uburundi, Jean Pierre NIMBONA [KIDUM] yavuze ko yasanze amahoro ahari n’umutekano ari wose mu Burundi, ibitandukanye n’ibivugwa n’abandi banyeporitike yaba abari mu Burundi canke mu buhungiro. Mu minsi yamaze i Bujumbura, KIDUM yarifadikanije n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mw’itanguzwa ry’urumuri rw’amahoro rwacishijwe mu gihugu cose c’Uburundi.

Uwo muririmvyi yaciye atangura kwagirizwa n’abantu bamwe bamwe, ko yatanguye ibikorwa vya poritike mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, ariko akabihakana. Imbere y’uko ava i Bujumbura, n’umutekano wiwe wahavuye wongerezwa kubera ivyariko biramuvugwako ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ubutumwa bwa KIDUM

Ndabaramukije! Muri Australia maze gukora concert zibiri Kandi zagenze nabi kubera kutitabirirwa nabantu . Hari isekeza ririko rirakorwa nabarundi bamwe bamwe kuma reseaux sociaux yuko abantu batokwitabira ibiteramo vyanje kubera impamvu bita ngo niza politique. Kandi vyagenze uko nyene uko bavyifuje ! Bravo mwese abakoze iryo sekeza kubera mwashitse kuco mushaka.

Ndiko ndazira ko nagiye I Burundi mukwezi kwicenda guheze hanyuma nkora akazi ko guteramisha abantu (abarundi nabanyamahanga basanzwe bibera mu Burundi ) ndabahuza Bose hamwe muri foire yari yatunganijwe na banyakenya (ambassade ya Kenya I Bujumbura) kurya nsanzwe ndabikora hose aho mba ndi.
Ndiko ndazira ko ivyiyumviro vyanje uko mbona ibintu. Uko rero vyagenze kuri runo rugendo kuva nshika muri Australia nico nokwita sabotage na boycott. Jewe kubwanje mbona ari uburenganzira bwababikoze kubera ntamuntu yariye urwara uwundi Kandi umwe wese arafise droit yokuvuga ivyo yiyumvira vyiwe

Vyatumye nibaza ibintu bikurikira:
1.sindi muri leta
2. Ntakibanza nakimwe ca politike ndimwo
3.sindi umurwanyi simfise umurwi waba rwanyi wovuga ngo nshitse I Bujumbura nce ntanguza intambara
4.Sindi umukozi wiyo leta mwoba mutavuga rumwe
5. Akazi kanje Ni uguhumuriza imitima yababaye biciye mundirimbo none murashaka ntangure akazi ko kuza ndagumura abantu ?
6 . Ego mutaje Mu biteramo vyanje ariko hakaza umuntu umwe gusa yankunze kubasumvya Jewe nkamuririmbira Kandi akanezerwa none ntimwumva ko nkikora kakazi nyene Kandi atamahera nashize imbere!?

Ibiriko biraba ndavyemeye nkumugabo Kandi ndemeye uwo musaraba mumpaye ngo nikorere inyishu yanje kuri ibi Ni uko naho hosigara umwe muri salle Jewe nzomuririmbira azoba ariwe muntu yankunze gusumvya abandi .
Sindi umunyepolitike ! Muvyemere Canke mubihakane . Abanyepolitike baja Tanzania guhura na Benjamin Mkapa kuvyerekeye ibibazo vya polike Kandi Bari Mu migambwe Jewe sindi umunyepolitike ntana mahera cumi yamarundi ndigera nrya muvya politike
Mperuka politike kuyijamwo muri 2005 aho nari mumugambwe wa MRC rurenzangemero yokwa Bayaganakandi Epitace nshaka kuba umushingamateka ! Birananira ncendemera yuko ntafise ingabirano yavyo ncandabivamwo ntanyota gushika ubu mfise yokubisubiramwo . Uko Niko kuri kuzima Jewe nivugiye ! Nta politike nshobora kujamwo ntanivyo nshoboye . Abakunzi banje bamwe bamwe bambwiye umusi umwe yuko inyuma ya Canjo Amisi apfuye ngo u Burundi ( abarundi Bose bomumirwi yose, namadini yose etc) bwaciye buronka jewe bica bituma ngira ubwoba bwinshi kuko naciye nibaza yuko nzorangiza nabi nka Canjo Amisi aho batanguye kumwita ko yari umugabo amaze gupfa ariko mubisanzwe ataco bigeze bamumarira

Rero kurivyo nimba kuba umuririmvyi wumurundi uririmvye mu kirundi bica bivamwo amatiku , gukururana mumpande zokwegamira muvya politike aho ngiye Mu Rwanda bamwe bamwe I Bujumbura ishavu rica ribaniga ngo ndabaye icitso cabanyarwanda kuja kuririmbayo mubihe nkibi aho biboneka yuko hariho ukutumvikana hagati y’urwanda n’uburundi eka n’ impunzi zabarundi ziriyo Ico gihe zica zimbona nkintwari . mvuye mu Rwanda nca nja I Bujumbura abo nasize Mu Rwanda ishavu nabo ryaciye ribaniga Jewe mbonako hageze ko ndirimba muzindi ndimi igiswahili nizindi ndimi nakare wari umutima wogukunda no gukingira akaranga nimico vyi gihugu camavukiro . Aho nashikanye ikirundi mumiziki harakwiye abandi reka nabo babandanye barenze isemo . Ikirundi nzokiririmba Mu Burundi gusa kuko niho kivugwa cane .
Murakoze


IGIHE

Messages

  • None niba witwako Uri umuririmvyi hanyuma ukubahuka ukavuga ko ngaha mugihugu amahoro ariyo yose ningene atamusi wijana abantu batagandaguwe ninge atamusi wijana abantu batanyurujwe ningene atamusi wijana abantu badahagaritswe bidaciye mumategeko ahubwo uko sukuba umunyaporitike gusa ahubwo urarengeje naho uwo mutekano uvuga uzogire ikindi uzoze udashigikira Ayo mafuti yubutegetsi uzorabe Ayo bagukorera kidya gipolisi baguhaye kigucunga nico kizogutwara ibirenge bidakora hasi canke wihurire Ni mbonerakure zigukorereko ariko kurundi ruhande dagutahura ushobora kuba wavuze ivyo kugirango ntibakubuze kwicira akajumbu ikindi ndakeje abo barundi bumutima baba muri Australia kubwiyo ngingo baragahora gutyo

  • Wapi suko bimeze ahubwo bamwe ntibarose promotion ihagije yukuza Kwa Kidumu abandi nkaho jewe mperereye twari murundi rubanza, imanza zaragonganye, ikindi naco aho namutwaye nimumwiherero, Kure yabantu iyobabishira nkahagati nahagati vyobaye mitende, nayubundi politic nka 80% mubantu baba Australia ntibayirimwo.

    Ikindi naco kubabiteguye usanga harimwo amacakubiri kumadini yabantu banwa inzoga benabatanwa, kubwivyo rero beshi wasanga bitwajijeko atanzoga bazakuhabona Ngo bagure baryoherwe mugihe Bari mugteramo bivanye niyomvo yamashengero atandukanye canke se kubamutumyeko. Abantu rero babonako bokwigumira muhira weekend bayirira iwabo aho bokwivuna inyota. Nuko murimake ariko kuyu wa5 18/11 azoba akiri hano muri Adelaide azoririmba kuruhande rwaba Kenya bamwigomwe none rero tuzojayo kuraba kumbure bobo bazomushira ahameze neza hakwije ibyankenerwa.

    Merci

  • Kidumu nasabe imbabazi abafana avuge ko yitandukanije na politique ahandi ho carrière yiwe irarangira,canke ahitemwo gukorera ibiteramo vyiwe mu Burundi gusa kuko aho azoja hose ntabantu azoronka adasavye imbabazi,Kidumu ni umuririnvyi wumuhinga kandi nahora nkunda ariko kuva aho akoreye ririya kosa ubu nta CD cnk igiteramo ciwe nohurumbira. Asabe imbabazi kuko yaririmba mugi swahiri ya reka nta kintu kinini bizohindura. Ivyo ndabivuga nifatiyeho akarorero. None ibihumbi birenga 50 vy’impunzi z’abarundi vyahunze amahoro!!? Arabuze ico akinisha

  • Oya Kidumu emera harya ko wihenze usabe ikigongwe abanywanyi bawe benshi gose,umuntu yakuzanye kuramutsa abicanyi ukanabashigikira mu migambi mibi yabo ukemera ukabesha abarundi n’amakungu ko amahoro ari yose niwe yagusutse,uzogaruke utazanywe na CNDD urabe ko utazoronka isinzi ry’abarorerezi

  • KIDUMU NDAKURAMU KIJE AMAHORO HEWE NIWIHANGANE NTUGIRIRE UMWIKOMO ABARUNDI BOSE, KUKO URAMUSTE UFASHE IYONGINGO YOGUHAGARIKA IKIRUNDI BAMWE TWOBADUHONVYE MUBURUNDI BIRAGOYE!!! UKWIKEKANA BIZOTUGEZAHEHE INO MUGIHU HAGATI HAGEZE AHO UMUNTU BAMWITIRIRA PORITIKE ATARIMWO NONE BIGEZE MUBARIRINVYI NABO

  • KIDUMU NDAKURAMU KIJE AMAHORO HEWE NIWIHANGANE NTUGIRIRE UMWIKOMO ABARUNDI BOSE, KUKO URAMUSTE UFASHE IYONGINGO YOGUHAGARIKA IKIRUNDI BAMWE TWOBADUHONVYE MUBURUNDI BIRAGOYE!!! UKWIKEKANA BIZOTUGEZAHEHE INO MUGIHU HAGATI HAGEZE AHO UMUNTU BAMWITIRIRA PORITIKE ATARIMWO NONE BIGEZE MUBARIRINVYI NABO

  • ubu ndi se yajyaga Buja gukora yo iki hari uwahamutumye? Arashaka kwigira inshuti ya Nkurunziza ku ngufu ubwo azabyirengera sasa!

  • KOMERA KIVUGANIZO ABAKWIYUNVIRA NABATAZI ICO UKO AHUBWO RUCHAHO KOMEZA ABARUNDI TURIKUMWE NDIKIRIJANA KAYANZA IKABARORE

  • Ntampamvu yogufata iyongingo kuko umwana w’umuntu yama arumuntu arashavura ariko iyo ishavu riheze ubuzima bukabandanya ihanhane utsindishavu ubandanye umwuga wawe ururimi rwamavukiro yawe ubandanye urumwnyekanisha ivyiyumviro imana iguha vyubaka ubandanye ubiserura ejo niheza unomunsi ushobora kuba winubwa naba nabariya ejo imana ikakugeza kurundirugezo kuko imigambi y’imana atari nkiyabantu . Harakabazo ngirandakubaze ukazobishobora uranshishura utabiahoboye ntakibazo, kuba ugezaho unomunsi intambwe ugezeko haruwagutumye canke haruwabigutegetse ? Unomunsi woshiramungiro icociyumviro washikirije haragasho bogushiramwo ? Sasa jew nokubwira ko utogira uko ishavurigize ibuka ahowavuye ukowatanguye biragufasha kubona ahowarugeze bigutume wiyumvira kubandanya urugendo mumpano yawe ejo canke nubu utegure uwuzoguhereza akabando agukoreyemungata. Amahoro abane nawe

  • Mushingantahe Kidumu, burya icica umugabo kiva mukanwa kiwe, vyukuri wewe nturi umurya paritike, ariko kuvuga yuko muburundi amahoro kwari kuvyatsi, nukugene abantu birirwa baranigagurwa burimusi, ntamuntu yi twa kwarumurundi wumutima yo vyakiriye neza. Ego ururimi ntirugira amafire,ukwiye guhindura ukavuga icawabanje kwiyumvira, twebwe turaha muburundi ibibera ngaha tubikurikiranira kumusi kumusi, ntaco ushobora kuvuga kibure kumenyekana kububeshe,nabari mubihugu vyahanze ntiwoshobora kubahenda ngo muburundi ngoharamahoro! ivyahano muburundi barabikurikirana cane. rero ntiwokwihenda ngubeshe ngo bakwemerere, ibisigaye uzohore uvuga kwamata koyera asazwe yera.

  • Abanya politike bari bakwiye kumenyako wakoze igikorwa gikomeye co kwerekanako twese turibamwe.rero ntukagire umwikomo bizohera

  • Numvirije indirimbo ziwe kidumu afise role yumuziki mu gukonsolida amahoro nta matiku ndamubonamwo.

  • Vous Mama Vous Ne Vennez Pas?!! Mbega Murazi Irare C.N.D.D.F.D.D Yoba Yaramuhaye? Australie Mwari Kuyamuha? Gusa Kidum Nawe Vyiza Yomenyako Abarundi Bazi Ubwenge,erega Uretse DD(KUBUTEGETSI) OU OPPOSITION(ABATABWEMERA) Bose Barakanura Vyiza Mbona Atobahenda. Komera

  • What a hell is he talking about. Sing whatever you want in any language you want. Who cares!!!!! Peter will attend your concerts. Damn u

  • Kidum ntabesha kweli amahoro ariyo muburundi!Gusa mubisagara niho usanga umutekano ushobora guhungabana kuko ariho usanga hari abategetsi!Ahandi naho,kidum kuba concert wagriye muri australie yagenze nabi niwihangane murudandaza habamwo kwunguka nuguhomba!ndi charles albert bazi kwizina rya havura ngaho ku kizungu mugiteranyi-muyinga

  • Wew Kidumu Ihangan Kk Nturumunyepolitique Muga Kuba Wavuz Ko Muburundi Amahoro Ariyos Warihenz Kandi Vyababaj Benshi Uharuy Abantu Birigwa Barapfa Nkurunziza Naw Wamugiz Umugenzi Umeny Ko Atamenyerwa Azikwinduka Nkuruvo Akuvugutir Umuti.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.