Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Ukuri ku mpari zabaye hagati ya Kidum na Frankie Joe kugiye kuja (...)
Ukuri ku mpari zabaye hagati ya Kidum na Frankie Joe kugiye kuja ahabona
mardi 12 Rusama 2015
Kidum agiye gusohora ururirimbo rurimwo ukuri kwose kw’ivyabaye hagati yiwe na Franckie Jo. Uwo muririmvyi aremeza ko akoresha cane indimi mvamakungu zikoreshwa mu Burundi.
Kidum yandika avuga ko hagiye gusohoka vuba cane ururirimbo ruzoshira ahabona ukuri kwose kw’ivyabaye hagati yiwe na Franckie Joe. Yandika ati:"Vuba cane hazosohoka ururirimbo ruzovuga ukuri kwose kwinyegeje mu mpari zabaye hagati ya jewe na mutoyi wanje Frankie Joe. Udufaranga dukeyi dushobora gutera ingorane hagati y’abavukanyi n’abagenzi".
Ayo majambo Kidum yayanditse mu ruririmi rw’igifaransa hanyuma bitangaza abatari bake bahora bibaza ko yoba akoresha cane Icongereza. Abamubajije ko yoba avuga igifaransa,yabishuye ati:" Nategerezwa kwiga icongereza kubera Igifaransa kitavugwa mu gihugu mbamwo". Kidum rero yoba akoresha ururirimi rw’Igifaransa kuko ari rwo rukoreshwa mu Burundi (igihugu c’amavukiro yiwe).
Tubibutse ko impari hagati ya Kidum na Frankie Jo zavuzwe cane mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante n’intango za Ndamukiza. Abo bagabo bapfuye amahera yo mu giteramo cabereye mu Rwanda aho habaye n’imanza. Ariko rero uko izo mpari zagiye zihera inguvu kuko abo baririmvyi bose bagiye bashira imbere kwumvikana gusumba amahera bapfa.
Raba umunezero Kidum na Frankie Joe barimwo igihe bariko bategura ku gitari ururirimbo "KIPENDA ROHO".
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Rusama 2015, 11:26, par kibondo
komera basha kumbure naband bobona ko amaronko ataho ashikana abantu
12 Rusama 2015, 14:17, par Amady
ivyo ntawovyinjirir kuko ababifa nababisangiye
12 Rusama 2015, 15:47, par nshimirimana ariona
Urukund rwabarundi rega ntirumara kabiri rabira hagufi
12 Rusama 2015, 16:20, par Nuwera
Mukuri hakumuntu ahomba umugenzi wohomba amaronko. Kidumu ndakwemera nkukonama ndabivuga.
19 Munyonyo 2015, 16:17, par PHILIPP NDAYISHIMIYE
UMUNTU MWARAKORANYE.KIRAZIRA KO HARI IKINTU COBATERANYA BURUNDI
4 Nyakanga 2016, 21:49, par Eliezel Nduwayo
Nibareke Gushwana Kimwe Gusa Bavugane Hagati Yabo Uko Ari Babiri
1er Ntwarante 2017, 15:29, par Muvandimwe
Nibareke Gupf Ubus Kuk Nabavandimw Bakmez Intego Bihaye