Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum yitezwe mu giteramo i Kigali
Kidum yitezwe mu giteramo i Kigali
mercredi 22 Ruheshi 2016, par
Umuririmvyi rurangiranwa muri Afrika y’ubuseruko, Nimbona Jean Pierre [Kidum Kibido Kibuganizo] yatumiwe mu giteramo gikomeye azokorera mu gisagara ca Kigali kuwa 1 Mukakaro 2016.
Kidum yakunzwe mu ndirimbo nka "Yaramenje", "Nitafanya", "Haturudi nyuma", "Ngwino" n’izindi, yaheruka kuririmbira mu Rwanda muri Ntwarante 2015 mu giteramo yari yatumiwemwo na mugenzi we Frankie Joe.
Muri ico giteramo Kidum azokorera mu gisagara ca Kigali, azoba ari kumwe n’abandi baririmvyi bakomeye nka Big Farious amaze igihe ari i Burayi, Charly&Nina [bakunzwe mu ndirimbo Indoro] hamwe na Rosty Band umurwi usanzwe uririmbira mu bunywero bwitwa Rosty.
Kidum yari amaze igihe akorera ibiteramo ku mugabane wa Burayi, yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe, avuga ko inyuma y’ibiteramo yakoreye mu Bwongereza, agiye kuja mu karere k’Ibiyaga binini, cane cane mu Rwanda no mu Burundi, amavukiro yiwe.
Igiteramo agiye gukorera i Kigali ciswe "Rosty Vibration", akaba yagitumiwemwo na Rosty Plus Plus iyobowe na Habimana John. Uwo arongoye Rosty Plus Plus yabwiye IGIHE ko ivyo biteramo bizoza biratunganwa uko umwaka utashe.
Kwinjira muri ico giteramo ca "Live" kizobera kuri Expo Ground ni amafaranga ibihumbi bitanu vy’amanyarwanda, kikazotangura guhera isaha zibiri z’ijoro.
IGIHE
Messages
22 Ruheshi 2016, 20:49, par man bernard
a good singer from burundi kdumu kibido.yes we love him in "tuzofata,mwizi wa mapenzi..."well come again in burundi.stay strong
23 Ruheshi 2016, 18:20, par kà ka
kidum n’umuririvyi akomeye cane
25 Ruheshi 2016, 08:36, par Jay Peace
Non Kizobera Muyihe Hoteri ,muntara Iyih
4 Kigarama 2016, 16:09, par Korode
Turashima Kidumu Wacu?