IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kwigunga kwoba kuri mu bituma umuntu ataramba

Kwigunga kwoba kuri mu bituma umuntu ataramba

vendredi 30 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Ico cirwa cakozwe ku bantu 48 000 bishura ku bibazo bikurikira :
ni bangahe bantu mubonana ? Kangahe? Ryari basohoka bakaja kuramukanya kandi namba bumva ari bonyene.

Abakoze ico cirwa, abashakashatsi bava mu gihugu ca Finlande baranditse mu kinyamakuru "Medical Heart" bati : "Kwigunga canke kutagira abagenzi haruhande yawe biri mu bitera ingwara y’umutima ku rwego rwo hejuru, bita "Infractus du myocarde" canke ingwara y’isanganya bita "AVC" ry’udutsi two mu bwonko.

Kubaho wenyene canke wigunze bijana kenshi n’ukudafungura neza, kuba wogira vyoroshe ingwara zitandukanye z’umutima, kutagira imyimenyerezo ngororamubiri, amagara make mu buryo bw’ibigumbagumba, n’ubukene budasigaye inyuma.

Umuntu rero akuyemwo ko kubaho yiguze bishobora kumutuma agira ingwara z’umutima hamwe n’isanganya zo mu dutsi tw’ubwonko, ubwigunge bwongereza ubwabw bwonyene ibice bishika kuri 32 kw’ijana vyo kwitaba Imana kare. Ni ukuvuga umuntu akiri muto atari bwagere kwitaba Imana.

Umuntu umwe ku bantu batatu bumva ari bonyene bigunze, nta mubanyi bumva boganira. Ku bantu nk’abo rero, ingwaraya Kanseri irababangamira kurusha barya baba bumva bakikujwe n’abantu benshi kandi baba bafise abo bavugana.

Akamaro ko kuganira canke kugira abagenzi

Kubw’ico cirwa cakozwe n’abashakashatsi, kubaho ufise abantu haruhande yawe, uwo muganira, muramukanya, bivyura inkabuzo zitwa "oxytocine, vasoprine" hamwe na "dopamine" mu mubiri.

Izo nkabuzo zigabanya umwitwarariko urenze canke guhagarika umutima kenshi bakunze kwita "Stress" mu gifaransa. Izo nkabuzo kandi ziragabanya ububabare zikongereza kandi kwumva umuntu ameze neza hamwe n’akanyamuneza.

Bisubiye, izo nkabuzo ico zikora mu mubiri ni ikintu kimara umwanya munini. Ni ukuvuga ko umuntu adaheza ngo yiyumve ameze neza gusa mugihe ari kumwe n’abandi, mugabo ngo no mu gihe baba bavanye umwanya muto aguma yumva afise akanyamuneza umwanya munini. Izo nkabuzo kandi zirafasha mu kurwanya kandi kanseri y’ibere hamwe n’umubabaro muri rusangi.

Kenshi abashakashatsi mu bisata vy’ubuvuzi haba mu buryo bw’ibigumbagumba, amagara canke ibidukikije, barahimiriza kenshi abantu ku ngaruka mbi z’ukubaho wigunze. N’aho biri uko, abashakashatsi bo muri kaminuza ya Reta y’ i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika baranegura ico cirwa, kuko bavuga ko mu vyirwa bagize basanze nyabuna kubaho umuntu ari wenyene ari ivy’ingirakamoro : "Gufata umwanya wo kuba wenyene bikomeza amagara yo mu mutwe, ni ukuvuga ko birinda umuntu ingwara zo mu mutwe ivyo navyo bigatumwa n’ingene umuntu agenda arubura ibintu bishasha."

Abo bashakashatsi bo muri kaminuza y’i New York baributsa ko kumenya ibintu canke kubura ibintu bishasha bigabanura imyitwarariko myinshi, bigafasha kandi ubwonko gukora neza.


Ornella DUSHIME

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.