Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > USA : Bill Gates yatakaje ikibanza ca mbere mu batunze kurusha abandi (...)
USA : Bill Gates yatakaje ikibanza ca mbere mu batunze kurusha abandi kw’isi
vendredi 9 mars 2018
Amakuru dukesha ikinyamakuru Forbes Magazine co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, amenyesha ko umutunzi Bill Gates yatanguje ubuhinga bwa none bukoreshwa mu mashini nyabwonko bwa microsoft yari mu kibanza ca mbere mu butunzi kw’isi yasubiriwe n’uwundi mutunzi w’umunyamerika.
Jeff Bezos ,yafashe ikibaza ca Bill Gates, nawe yatanguje ubuhinga bukoreshwa mu mashini nyabwonko bwitwa Amazon.
Ico kinyamakuru Forbes Magazine, kimenyesha ko muri uno mwaka wa 2018,Bill Gates, afise imiriyaridi z’amadorari y’abanyamerika 91,5, mu gihe Jeff Bezos afise imiriyoni z’amadorari y’abanyamerika 128,4.
Ico kinyamakuru co ngaho muri Amerika, kiragaruka kivuga ko, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald TRUMP, yatakaje ikibanza co kuba ku rutonde rw’abantu ijana ba mbere batunze kw’isi.
Imvo ico kinyamakuru gisigura, ni kuba yakoresheje amafaranga menshi mu kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yamushikanye ku butegetsi bw’ico gihugu.
Urutonde rw’abatunzi icumi ba mbere batunze kw’isi n’uru :
1.Jeff Bezos
2.Bill Gates
3.Warren Buffett
4.Bernard Arnault
5.Mark Zuckerberg
6.Carlos Slim Helu
7.Amancio Ortega
8.Larry Ellison
9.Charles Koch
10.David Koch
Oscar NDAYISHIMIYE
Messages
11 avril 2018, 21:32, par Reverien nzigi
Non Bill gates nuwakabir gut kombona afise en terme des milliards uwo wamber naw akagira en terme de millions
12 avril 2018, 19:11, par Silas
Batunge,bareke Iherezo,isi,irashirana,nivyayo Iciza,babitse,ubutunzi,mwijuru, Aho,kubirunda,umusiguzi Womuri Bibiriya,avuga,ati Vyose,nubusa Nibafashe Aboro.!
13 novembre 2018, 23:34, par Nyabenda Chadrack
LL