IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubufaransa : Umwami wa Pop yitavye Imana

Ubufaransa : Umwami wa Pop yitavye Imana

mercredi 6 décembre 2017

Uwo muhisi akaba yarakunzwe cane mu gihugu c’Ubufaransa mbere no kw’isi yose.
Céline Dion, umuririmvyikazi rurangiranwa akomoka mu gihugu ca Canada yashikirije akababaro kiwe ,aho yumviye iyo nkuru y’umubabaro.

Yavuze ati :« Ndababajwe cane n’urupfu rwa Johnny Hallyday.Yari igihangange mu muziki, uwo twese turabirako akarorero.Ndahojeje umuryango wiwe, abakunzi biwe bose.Ntituzomwibagira. »

Johnny Hallyday asanzwe akundwa cane n’abakiri bato na cane cane mu kuryosha ibirori mubiteramo, asize inkurikirane z’indirimbo zigera kuri 50 akaba amaze kudandaza disques zirenga imiriyoni ijana mu myaka 60 yari amaze mu muziki.

Indirimbo ziwe zakunzwe cane twovuga ni nka Le Pénitencier, Noir c’est noir, Retiens la nuit, Cheveux longs idées courtes, Pour moi la vie va commencer, Quand revient la nuit, Que je t’aime, Gabrielle, La musique que j’aime, Ma gueule, Quelque chose de Tennessee, Allumer le feu, Marie...


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.