Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lolilo aranegura abaririmvyi bariko basaza atawe baraze umwuga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > Lolilo aranegura abaririmvyi bariko basaza atawe baraze umwuga

Lolilo aranegura abaririmvyi bariko basaza atawe baraze umwuga

jeudi 10 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Lolilo aranegura cane abaririmvyi bitwa ko bamaze kumenyekana cane mu muziki w’Uburundi no mu makungu batitaho abariko baruka. Lolilo abivuga ivyikurako kuko wewe yemeza ko hari abo amaze gusohora kandi bamaze no gutera intambwe iboneka.

Aha atanga akarorero k’umuririmvyi Gaga Blue yafashije mu kwemera bakaririmbana. "Lolilo Mzizi wa Jiwe" yongera ko wewe n’urunganwe rwiwe bariko barasaza bari bakwiye gutegura abazobasubirira.

JPEG - 86.5 ko
Umuririmvyi Lolilo

Lolilo abandanya avuga ko bitabereye ko umuririmvyi asaza atawe araze uwo mwuga. Kuri ivyo yongera akavuga ko abo baririmvyi barutse bashobora gushika aho bobo batashitse, maze bagatungwa n’ivyamwa vy’umuziki, nk’uko biri no mu bihugu bibanyi. Lolilo afatira akarorero ku muririmvyi Diamond Platnumz yateye imbere cane kubera umuziki.

Tubibutse ko aho bukera Lolilo azoba ari mw’isabukuru "Nyabugete Beach Summer Festival".


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • Nukuri iciyumviro Lolilo avuga kirumvikana kandi kiranibonekeza kuko twihweje abadutanguriye bamwebamwe ntibipfuzayuko ugwaruka twobiyungako dusivye naba manager ntibatwerekwa kandi impano yumuziki tuyifise.Ariko vyakabayevyiza dufatanye mumugongo tugatezimbere umuziki mugihugu cacu kuko atarukwo beshi tuzopfana indoto akarorero jewe kenshi mumuziki bantazira<<JOPAS HERO>>Mvuka mucibitoke carugombo ahobita Buganda,nfise iyompano yokuririmba ariko nabuze uwonfata mumugongo kugira ndebe ahonoshika nkabansaba uwobonako bikwiye akangirira impuhwe yonfasha akambera umumanajere nayo kubwanje ntaburyo ariko umuziki ndawukora nkabura ukuntu nomenyekana.hama numero zanje ni:75492077(jopas)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.