Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lolilo:“Abari mw’idini rya islam bakwiye kwitwararika amabwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > Lolilo:“Abari mw’idini rya islam bakwiye kwitwararika amabwirizwa (...)

Lolilo:“Abari mw’idini rya islam bakwiye kwitwararika amabwirizwa y’idini”

vendredi 9 Myandagaro 2013

Mu gihe bisanzwe bizwi ko umuririmvyi Lolilo ari mw’idini rya Islam, umukunzi wiwe nawe Loliane akaba yahoze mw’idini rya ekleziya gatolika , muri ino minsi, idini rya islam rihimbaza Aid el-Fitr, Lolilo, na Loliane, baragize ico bashikirije, bongera bavuga n’ingene bigenjeje mu kiringo c’ukwezi kwa ramadhan.

Loliane yabanje gushikiriza icamutumye ahindura idini yahoramwo, avuga ko yabitumwe n’urukundo akunda umukunzi wiwe Lolilo ari navyo vyanatumye aca afata intumbero yo kumukurikira kugira barushirizeho kwumvikana bari hamwe no gukomeza urukundo rwabo.

Kubwiwe, urukundo ruruta vyose kuko rushobora no gutuma umuntu afata n’ingingo atarazi ko yofashe. Avuga ko imbere yuko yinjira mw’idini rya islam, ntiyakunda n’abayirimwo ariko kuva aho bungiye ubucuti na Lolilo, yumvise akunze idini rya islam kuko ariwe yayimukundishije. Ubu bakaba barubatse imbere y’amategeko mw’idini rya islam.

Nayo kubwa Lolilo abari mw’idini rya islam bose bakwiye kwitwararika amabwirizwa y’idini na cane cane kwubahiriza ibisabwa mu gihe bari mu kwezi kwa ramadhan. Avuga, ko ubwiwe yitanze, kuko ibiteramo vyose yari yatumiwemwo haba ino mu Burundi canke mu bihugu bibanyi, ntanakimwe yagiyemwo kugira yifadikanye hamwe n’abandi bari mw’idini rya islam mu kwubahiriza ibisabwa mw’idini rya islam.

Ubu, baraye barangije ukwezi kwa ramadhan, biteguriye kugirisha ibiteramo I Muyinga kuri uno munsi wa gatanu wa 9 Myandagaro, n’ejo ku munsi wa gatandatu bikazobera hano I Bujumbura.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.