Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lolilo avuga yuko yisemye mu ndirimbo yiwe yise “Mbera umu avocat” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > Lolilo avuga yuko yisemye mu ndirimbo yiwe yise “Mbera umu avocat”

Lolilo avuga yuko yisemye mu ndirimbo yiwe yise “Mbera umu avocat”

vendredi 15 Ntwarante 2013

Lolilo afise indirimbo yamenyekanye cane yitwa “Mbera umu Avocat” muziko ari nayo yitiriye album yiwe iherutse, ubu rero aho aviriye mugasho atangaza ko yasanze yarisemye kuko vyinshi muvyo yavuze muri iyo ndirimbo yisanze vya mushikiye.

Iyo ngo uravye ingene aririmba mbere ukumviriza amajambo ayigize ukaraba n’impamvu zatumye mu minsi yaheze uyu muririmvyi Lolilo afungwa ucubona ko bifitaniye isano kuburyo wogirango yayanditse aziko ivyo bizomushikira.

Kubwiwe nawe avugako yabonye ibimushikiye bimwibutsa cane iyo ndirimbo yiwe kuko ngo akinagera mw’ibohero abaho ntayindi ndirimbo bamwakirije Atari “ Mbera umu Avocat”.

Avuga ko ayikora atigeze ateganya ko ivyo bizomushikira , ahubwo yayikoze avugira abantu batandukanye nkuko umuririmvyi aba akorera abo azi nabo atazi.
Ivyo vyatumye ngo iyi ndirimbo ayiha agaciro gakomeye kuko agiye no gutangura gutegura isinema izoba yitwa “Mbera umu Avocat” nkuko yabitangaje akiva mw’ibohero.

Arangiza ashimira abantu bose bashoboye kumwereka umutima w’urukundo igihe yarashikiwe niyo ngorane kandi abwira abakunzi biwe ko bokomere, abateganirije vyinshi vyiza imbere.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.