Accueil > Amakuru > u Burundi > Muramvya : Abanyeshure bane bakomerekeye mu mvura yaguye
Muramvya : Abanyeshure bane bakomerekeye mu mvura yaguye
jeudi 9 Ntwarante 2017, par
Imvura y’igihuhusi ivanze n’umuyaga yaguye mu ntara ya Muramvya muri komine Kiganda na Rutegema, kuri uwu wa gatatu, yahitanye ibitari bike, n’abanyeshure barahakomerekera.
Mu giporisi co mu ntara ya Muramvya bemeza ko abanyeshure bane bo kw’ishure ry’imyuga rya ETS Kiganda bakomeretse, amabati y’amashure nayo araguruka, hamwe n’intsinga z’amatara zononekaye.
N’ibirasi bitatu vy’amashure y’intango vyagurutse, igisenge c’ibitaro Muskikamo vy’ i Rutegama caguruwe n’umuyaga, hamwe n’inkingi z’amatara zatembagaye.
N’abandi bantu bataramenyekana igitigiri barakomeretse kuri uwu wa gatatu nyene mu ntara ya Ruyigi, mu gihe abategetsi batandukanye bariko bahimbaza umusi mukuru wahariwe umukenyezi. Abo bakomeretse baguweko n’ihema yabomotse.
IGIHE
Messages
9 Ntwarante 2017, 10:49, par Cobla rouge
Ibi n’ingaruka z’amaraso DD iriko iramena mu Burundi, akari inyuma karahinda
9 Ntwarante 2017, 22:11, par Potien gaciyubwenge
Uwo ni kagame yarungitse umuyaga.
9 Ntwarante 2017, 22:17, par NDI FIDERI
NONE VYAGENZE GUTE?
10 Ntwarante 2017, 00:40, par FILMIN MIBURO
YOOH! BIRABABAJE, ICONOSABA RETA N’ABAGIRANEZA NUKO BOGIRA ICO BAFASHIJE KURABO BASHIJE N’IVYOVYAGO
10 Ntwarante 2017, 11:29, par inocent
none barafuye?
15 Ntwarante 2017, 22:53, par Ndayizeye Tèlésphor
Mbabajw Nabo Bana Gusa,ariko Biratangaj Cane Kuko Mwibi Bihe Hataste Uruzuba Rwinshi Hagwa Ikivura C’isegenya Hakaca Hononekara Ibintu Vyinshi.?Turagow Nukur Imana Nitugarukire Nayahandi Turahanzw Nihindagurika Ry’ibihe.
15 Ntwarante 2017, 22:53, par Ndayizeye Tèlésphor
Mbabajw Nabo Bana Gusa,ariko Biratangaj Cane Kuko Mwibi Bihe Hataste Uruzuba Rwinshi Hagwa Ikivura C’isegenya Hakaca Hononekara Ibintu Vyinshi.?Turagow Nukur Imana Nitugarukire Nayahandi Turahanzw Nihindagurika Ry’ibihe.
16 Ntwarante 2017, 04:58, par Vianney
Nn Ntac Barbafasha?