Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta isabwa gutegekanya ibikenewe kugira umuvyeyi wa NDADAYE Melchior (...)
Reta isabwa gutegekanya ibikenewe kugira umuvyeyi wa NDADAYE Melchior ashinguranwe iteka
dimanche 28 janvier 2018
Abicishije ku muvugizi wiwe Jean Claude KARERWA NDENZAKO, mw’itangazo yashikirije kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 28 Nzero 2018, umukuru w’igihugu amenyesha ko yakiranye umubabaro mwinshi urupfu rwa Tereza BANDUSHUBWENGE,umuvyeyi w’incungu ya Demokrasi.
Umukuru w’igihugu amenyesha ko Tereza BANDUSHUBWENGE yaranzwe n’umutima w’urukundo, impuhwe, ikigongwe hamwe no kuremesha abandi, ivyo akaba yabigaragaje, inyuma y’igandagurwa ry’umwana wiwe akaba n’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE.
Muri iryo tangazo, umukuru w’igihugu yahojeje abasigwa buwo muhisi, incuti n’abagenzi babo, abakunzi ba demokrasi n’abarundi bose yabereye imboneka, akarorero n’urumuri rutazimiza.
- Jean Claude KARERWA NDENZAKO,Umuvugizi w’umukuru w’igihugu
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko, nk’uko yavyiyemeje kuva mu mwaka wa 2005, azokwama hafi y’abasigwa b’incungu ya Demokrasi Melchior NDADAYE, akabashigikira adahengeshanya.
Tereza BANDUSHUBWENGE umuvyeyi w’incungu ya demokrasi akaba n’umukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abanyagihugu,yitavye Imana kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Nzero 2018, ahitanywe n’indwara ya asima.
MUGISHA Van Naris
Messages
31 janvier 2018, 21:05, par Ndizeyimana Blessing Joy
None Izompunzi Zomurikongo Kozimwe Zirimwo Zirahunga Izindi Zipfuza Gusubira Iwabo None Izozirimwo Ziripfuza Gusubira Iwabo Icozahunze Caraheze Izoziza Zozo Zihungiki ?