Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi yashikirije aho ihagaze ku cegeranyo ca ONU - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yashikirije aho ihagaze ku cegeranyo ca ONU

Reta y’Uburundi yashikirije aho ihagaze ku cegeranyo ca ONU

jeudi 15 février 2018

Philippe NZOBONARIBA umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta, yamenyesheje ko kubona Antonio Guterres ku cegeranyo yasohoye adashimishwa n’umugambi wo gusubiramwo ibwirizwa shingiro vyose biterwa n’abahanuzi babi bamwegereye bamusigurira ibitarivyo ku bijanye n’uko ibintu vyifashe mu Burundi.

Reta y’Uburundi ivuga ko umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru wa ONU ku bijanye n’Uburundi Michel KAFANDO yari akwiye gutegera neza gusumba abandi ikibazo ca poritike mu Burundi.

Naho Reta y’Uburundi ishima utwigoro tw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gukomeza amahoro,Philippe NZOBONARIBA avuga ko banegura intumwa zimwe z’iryo shirahamwe zihengama mu gushikiriza ivyegeranyo mu gihe batigera bashikiriza uko ibintu bitera bija imbere mu gihugu.

Uwo munyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta amenyesha ko, Reta idatahura igituma Michel KAFANDO we yakoreye ico cegeranyo umunyamabanga mukuru wa ONU aguma mu gacerere k’ukungene ibintu bitera bija imbere mu gihe yahora mu rugendo hano mu Burundi.

Reta y’Uburundi imenyesha ko Antoni Guterres yahenzwe yongera atabwa mu rudubi n’abomuhaye umuco ukwiye ku bijanye n’ikibazo c’Uburundi.

Philippe NZOBONARIBA avuga ko umunyamabanga mukuru wa ONU yahonyanze ingingo igira 2.7 y’amategeko ngenderwako y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuko ivuga ko ata ngingo n’imwe yayo mategeko irekurira ishirahamwe mpuzamakungu kwisuka mu bibazo biraba igihugu ubwaco ,

Reta y’Uburundi ivuga ko idatahura ukuntu yokwama yahohotewe mu gihe bisanzwe bizwi ko ibindi bihugu bitari bike vyaba ivyo mu karere canke mu yandi makungu vyama vyasubiwemwo amabwirizwa shingiro yavyo, ariko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikabifata nk’ibisanzwe kuko bibifitiye ububurenganzira.

JPEG - 100.8 ko
Filipo NZOBONARIBA, Umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta

Muri iryo tangazo,Reta y’uburundi isaba umunyambanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwama yitondera ivyegeranyo ashikirizwa vyerekeye Uburundi, kuko kenshi vyagaragaye ko biba bifise aho bihengamiye, bikazohava bituma bimuhubisha mu gihe wewe asanzwe yipfuza gukorera mu nzira y’ukuri.

Kw’igenekerezo rya 6 Tuhuhuma 2018 niho umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yasohoye icegeranyo kimenyesha ko iryo shirahamwe ridashimishwa n’umugambi wo gusubiramwo ibwirizwa shingiro aho yasavye kw’ico gikorwa cozamwo abantu benshi bashoboka mu banyeporitike bakongera bakagihurizako.

Bitegekanijwe ko kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhma 2018 inama y’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano izogira inama yerekeye ico cegeranyo.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Ayo makungu yagiriza u Burundi n indongozi za bwo ikibi yazaje akirabira ingene u Burundi butekanye n ingene abanyagihugu bajohewe amahoro n uburongozi bwayabahaye. Mbega ko ibihugu bibanyi vyarihinyanyuye ko ayo makungu atavuze. Uburundi burongowe n I mana yashizeho n abarongozi bakunda Kandi bumva abanyagihugu. Ntaco abana b abantu bazobutwara

  • Ayo makungu yagiriza u Burundi n indongozi za bwo ikibi yazaje akirabira ingene u Burundi butekanye n ingene abanyagihugu bajohewe amahoro n uburongozi bwayabahaye. Mbega ko ibihugu bibanyi vyarihinyanyuye ko ayo makungu atavuze. Uburundi burongowe n I mana yashizeho n abarongozi bakunda Kandi bumva abanyagihugu. Ntaco abana b abantu bazobutwara

  • Uburundi buratekanye kandi bufise uburenganzira bwo guhindura ibwirizwa Nshingiro ryabwo kuko buri souverain. Kandi abarundi benshi baravyumvikanyeko.Nibareke kwama bakokeza ahubwo bafashe Uburundi bimwe biboneka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.