IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > Amasanamu > Agace ka "Video" y’igiteramo Big Fariouz yagiriye muri Holland

Agace ka "Video" y’igiteramo Big Fariouz yagiriye muri Holland

mardi 14 Ndamukiza 2015

Igiteramo ca Fariouz muri Hollande citabwe n’abantu batari bake kandi batandukanye, zimwe mu ndirimbo ziwe zakunzwe cane zaravugijwe.

JPEG - 67.6 ko
Big Fariouz n’icuye c’akazi ku gapira bariko bamuyambira

Agace gatoyi ka "Video" yerekana uko igiteramo cari kimeze kaboneka Big Fariouz aririmba abari mu giteramo bitabira, abandi batamba. Abo batamba barimwo abirabure n’abazungu. Kiyoyo Juma yateguye ico giteramo avuga ko aryohewe kubona ico giteramo citabiriwe n’abantu benshi kandi bava no mu bindi bihugu atari Holland nka Belgique.

Nk’uko iyi "Video" itangwa na "Umojaradio", turarindiriye tubaronse "video"ikwiye y’igiteramo ca Big Farious. Tubibutse ko igiteramo cabaye kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • None uwo mukobwa ntiyari gutamba yambaye agahuzu kamukwiye kweli. Birababaje kubona umurundi kazi yiyumvira ko abarwa ari gusa.

  • Kwa kweli hii siyo concert yu muntu nka Fizzo twuba,Raba iyo stage iramaramage Kiyoyo,sound fec,amatara fec FIZZO za urihesha agaciro Kiyo ndaguhendesha uduhera kuko uri umu pro,Diamond ntashobora kuririmbira aho hantu kabisaaa.Eddy KAMOSO na Kidumu babigishe ingene bategura ibiteramo live.

  • Zaaa fizzo ihe aga ciro utakihaye ntawuzokaguha kiyoyo wewe kumuzi vyukuri ni productie ?uko nukumaramaza abarundi baba muri holland kuko hari ababishoboye kubaronderera sale zifise podium zabigenewe ahabandi baririvyi bariribira kandi ukarabwa nabantu bose kuko wewe ico urondera nugutera imbere namahera sukuririmbira abarundi ncanke kiyoyo niho ageza ubwege ndamwuva fizzo svp ihe agaciro hebana na kiyoyo kuko agedera kwizina ryawe wewe arose 200euro kuriwe niswa kuko niho ageza ubwege mugabo wewe izina ryawe riba rigiye harabantu beshi ncane baba kunda mwe na kidumu ariko batakishaka kusubira kuza mugiteramo kuko organisation yakiyoyo wewe nabo warose nukubera inkino zari zahuje abarundi ba holland no mububirigi ubundi ho ntana 20 pers wari kuronka ok ikebuke

  • FIZZO;IVY UKORA VYOS UBIKORE WIBUKA KW IZINA RY UBURUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.