IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > Amasanamu > Mu ruririmbo "What’s my name" Fariouz aboneka yiyama amwe mu (...)

Mu ruririmbo "What’s my name" Fariouz aboneka yiyama amwe mu maradiyo

mardi 4 Munyonyo 2014

Inyuma y’iminsi myinshi hitezwe isanamu y’ururirimbo" What’s my name" yagiye ahabona. Yakozwe mu buhinga buhanitse bw’urunani rw’abahinyanyuzi.

Isanamu y’ururirimbo "what’s my name" ya Fariouz yasohotse inyuma y’igihe kitari gito iri mu minwe y’urunani rw’abahinyanyuzi bo muri "Icom Pro" rugizwe n’abahinyanyuzi: Fleury akora muri ICOM Pro na Cherif Pro, Johnny wo muri Mira Mira hamwe na Kent-P wo muri African Sound Records.

Isanamu ikozwe mu buhinga buhanitse, ibonekamwo Fariouz yikoreye izina ryiwe ryanditse mu ndome nini, ahandi aboneka ariko yiyama zimwe mu nsamirizi avuga mu ruririmbo ko yazitanze kumenyekana.

Tubibutse ko ururirimbo "What’s my name" rwateye ibibazo vyinshi aho bamwe mu bamenyeshamakuru n’insamirizi zafata ingingo yokudasubira kuvuza indirimbo za Fariouz abandi bagakavuga ko bazifuta. Ivyo vyatumwe n’uko hari abavuga ko Fariouz yabifatiye mu gahanga mu ruririmbo.

Raba isanamu y’ururirimbo "What’s my name"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Abanyabwenge babiri ntibateka inyama ngo ishe ,iyo sanamu ntakigenda vyukuri kuko muri kino gihe tugezemwo ntamuntu yoba agikora ama montages nkayo yaba BEBE oya isanamu ntakigenda en plus bayishizemwo ama effets menshi iraheba iranigwa .Baraja kwa Black Arthur abigishe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.