Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Céline Dion na René bahanye agasaga
Céline Dion na René bahanye agasaga
lundi 11 Munyonyo 2013
Urugo rw’akarorero mu gukundana mu gisagara ca Québec muri Canada eka no kw’isi yose ruhejeje gusambuka. Abo bari akarorero k’abakundana kw’isi, none ngabo baravanye. Umuririmvyi azwi cane kw’isi Céline Dion yagiye adasezeye René Angélil uwo bari bubakanye.
Urukurukuru ruhari ruvuga ko uwusambuye inzu y’urukundo ya René Angélil na Céline Dion, yoba ari umutunzi wo muri Arabiya Sawudite, umuganwa. Bivugwa ko babonye uwo mugore w’imyaka mirongo 45 asohoka ava mu nzu y’umuryango iri i Vegas ajanye na Abibi sheik.
« Ni ikigandaro c’igihugu uno munsi ku banyagihugu b’i Quebec », bivugwa na Jean-Pierre Ferland umuririmvyi aturuka muri Quebec. Arongera ati : « bisa n’inyenyeri z’ibiri zizimye ». Pauline Marois Umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, vyari vyitezwe ko aza kuvuga ijambo abanyagihugu uno munsi nyene, ku bijanye n’ukwo kwahukana, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wiwe.
Iyo nkuru mbi ije gusonga René-Charles avuye mu bitaro kubera amagara yiwe atarameze neza. Abo bahukanye bari bagize ubugeni mu mwaka w’1994, bari bavyaranye abahungu 3,Rene Charles afise imyaka 12, n’amahasa Nelson na Eddy bafise imyaka itatu. Rene afise imyaka 71, Celina Dion nawe 45. Ukwo kwahukana gushobora kuryohera nyina wa celine Dion kuko nakare bari bubakanye atabishaka.
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Munyonyo 2013, 14:40, par evengeliste jean Bosco
ntakibagera bafise.nukubasengera.kuko baraboshwe klke part.nimpwemu mbi.muphukame mubashire mumaboko yuwiteka.