Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke : Amashengero menshi ntazwi n’amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Cibitoke : Amashengero menshi ntazwi n’amategeko

Cibitoke : Amashengero menshi ntazwi n’amategeko

mercredi 24 Mukakaro 2013

Mu ntara ya Cankuzo hibonekeza amashengero menshi ku buryo amwe muri iyo atazwi n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Ivyo rero ugasanga ari vyo vyama bikwenga ukwutumvikana muri ayo mashengero, kuko usanga badashoboye kwumvikana ku boshobora kuzezwa amabanga akomakomeye mw’isengero.

Buramatari w’intara ya Cibitoke aremeza ivy’ayo mashengero, ko mu ntara arongoye hari amashengero menshi cane. Avuga ko mu nama bagize n’abarongoye abandi mu ntwaro mu kwezi kwa Ruhshi, bashoboye kumenya igitigiri c’amashengero 50. Igitangaje rero, ni ukwo igice kinini c’ayo mashengero kitazwi n’amategeko bagaca bifata nk’amashirahamwe ataho yigenga. Naho biri ukwo, ico gitigiri c’amashengero kiguma kiduga.

Buramatari Anselme Nsabimana avuga ko ukwutumvikana kenshi usanga gufatiye k’uworongora abandi, ingorane rero zica zihera aho kuko uca usanga abo barongoye abandi muri ayo mashengero baca bashira imbere inyungu zabo, mu gushaka kwigarurira ubutunzi. Mbere ukwemera kwa bamwe muri abo bashinga ayo madini aha na hariya atazwi n’amategeko, aho usanga ukwemera kwabo gufise ico kugamije.
Aratanga akarorero k’abantu barwara malariya, hageze aho boja kwa muganga bagaca bigumira muhira, canke bagatumako abaza kubasengera aho bari, bakareka gufata imiti izwi n’amategeko yo kwa muganga.

Buramatari abandanya avuga ko hari n’abandi baguma mu vyumba vy’amasengesho, aho bamara ijoro n’umurango atakindi bariko barafasha umurwayi atari ugusenga, bakareka kumujana kwa muganga. Muri komine ya Buganda rero, niho ibintu nk’ivyo bimaze kwibonekeza, aho ndetse abantu bahasize ubuzima banse kuja kwa muganga, mu gihe bafashe kuguma mu vyumba vy’amasengesho.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.