IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfashanyo Uburundi bwahora buhabwa n’ubumwe bwa Buraya zahagaze (...)

Imfashanyo Uburundi bwahora buhabwa n’ubumwe bwa Buraya zahagaze zose

lundi 14 Ntwarante 2016, par egide

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafashe ingingo y’uguhagarika imfashanyo zose zahora zihabwa Uburundi, hamwe n’uguhagarika burundu imfashanyo z’ugushigikira ikigega ca Reta zahora zihabwa Uburundi. Iryo shirahamwe ryagumijeho gusa imfashanyo zishikira abanyagihugu ariko zidaciye mu kigega ca Reta.

Ibiganiro bihuza Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya kw’iyubahirizwa ry’ingingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou vyasozerewe kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 14 Ntwarante 2016.
Ubumwe bwa Buraya bumenyesha ko ivyo Reta y’Uburundi yiyemeje ko igiye gukora bidakwiye mu gutora umuti w’umwitwarariko w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ari naco gituma hafashwe ingingo y’uguhagarika burundu imfashanyo zose zahora zihabwa Uburundi, hamwe n’uguhagarika burundu imfashanyo z’ugushigikira ikigega ca Reta zahora zihabwa Uburundi.

Federica Mogherini, intumwa idasanzwe y’ubumwe bwa Buraya ajejwe ibibazo vy’imigenderanire, poritike hamwe n’umutekano, yamenyesheje ko ibibera mu Burundi bitera amakenga ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, akavuga ko iyo ngingo yafashwe kugira isubirwemwo ari uko Reta y’Uburundi izofata ingingo ziboneka z’ugutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi.

JPEG - 101.4 ko
Federica Mogherini, intumwa idasanzwe y’ubumwe bwa Buraya ajejwe ibibazo vy’imigenderanire, poritike hamwe n’umutekano

« Akigoro dusaba karashoboka, ariko kagakenera ugushaka hamwe n’ukwitanga: gahagaze ku ngingo hamwe n’inzira zimaze gushirwaho n’ubumwe bwa Afrika, umuryango wa Afrika y’ubuseruko, hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Izo ngingo z’ivyokorwa twibaza ko zofasha mu biganiro bihuza abarundi vyotegurwa mu buhuza bwashikirijwe n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko. »

Neven Mimica, umukomiseri w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ajejwe imigenderanire mpuzamakungu hamwe n’iterambere akongerako ati : « Ubumwe bwa Buraya burashigikiye kandi buzoguma bushigikiye abanyagihugu b’Abarundi muri izi ntureka Uburundi burimwo, zahitanye abantu barenga amajana ane, hamwe n’abarenga 240 000 bateshejwe izabo. »

JPEG - 113.4 ko
Neven Mimica, umukomiseri w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ajejwe imigenderanire mpuzamakungu hamwe n’iterambere

Neven Mimica yamenyesheje ko imigambi y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ishikira abanyagihugu izobandanya, ariko akaba ari iy’uburyo butabanza gucishwa mu bibega vya Reta.


IGIHE

Messages

  • ubumwe bwaburaya mwarahinyutse aho muhagaze turahazi mushigikiye abagira makudeta nabagumutsi kubera mutaronse nikel mwemeye kuniga abarundi miriyoni 9 mukunda abagumutsi batarenga 1% urwo surukundo ninyungu murondera abapfa bose imana izobibaza twabahinyuye gusa mutwime iyo nfashanyo muduhe amahoro ntimubandanye gutanga ibirwanisho biriko bimara abene gihugu tuzobaho Imana mushoboravyose iratubona

  • Mugheini nakare mwarimwarazigumij nubundi ntazo dukeney amazi agirati ntunwe. Naw uti ntanyota narifis,rero nimuyagumye abafasha uburundi bariho nickel cuivre fer biriho bizokubaka igihugu nimwabona tubandanij kubaho muzotwirukinyuma.mureke igitekerezo canj.

  • EWE MANA YANJE NONEHO KARABAYE INFASHANYO YOSE YATANGWA NISHIRAHAMWE RYUBUMWE BWA BURAYA NGO IRAHAGARITSWE EMWE O.B.R ICA ISARA MUBANYAGIHUGU

  • Kuva Kera Nshigikira NKURUNZIZA Ariko Nukuri Ndabona Vyase,ndakenda Mama Turagowe

  • Eh!!! ko bataravuga ko ari u Rwanda rwatumye zihagarara finalement bibagiwe uwo basanzwe bitirira ibibazo byabo cyangwa babonye undi udusimbura.

  • Eh!!! Ko ntamutegetsi uratanganza ko urwanda arirwa rwatumye zihagarara finalement bibagiwe uwo basanzwe begekaho ibibazo byabo ou bien barindiye ubuhanuzi bwa prophette muka Peter

  • ABARUNDI NGO: UKUNDA UMWANA UGAKWANYINA.

    BAKONGERA BAKAVUGANGO IGIPFUCUMWANA NICOKWEMERA NGO KIRAKUNDWA NUWANKA ABAVYEYIBAWE.

  • NKDN1.com uvuze ukuri nka mogheini arikumwe na pasfique na maragaritte na sinduhije turabizi ibyo bisuma byabazungu babonye batsinzwe ku politique kumigumuko kuntambara bibatay kuwamazi ngo bafatir ibihano ibyo byo mwabifashe kuva kera imana mushobora byose nice itandukanya abayo iberekane uburundi bugiy kurama nyakubahwa Nkurunziza guma kwivora ntuzubusabe imana igire ikwereke ko ya gutoranij abarimyi mugiy kubona ibihinduka ikigori kizoheka bitanu5 kubona mwerekanye ko mutababaye imiriyoni zirinyuma ya se barundi byerekanako mukoreshwa na firmason vive burundi vive les dirigeant vive les Russia

  • Ivyobihano mwabifashe imbereyamatora igihe mwatwima uburyo bwokugira dukore amatora none amatora yarabaye kandimwaratwimye imfashanyo, iryayaduhaye uburyo bwokugira amatorabe nubundi ntoho araja. Kandi kiryakitubeshejeho hafi umwaka mwarahagaritse imfashanyo ntahokiraja, vyanditswe ngo: umuntu ntabeshwaho numutsima gusa.

  • Ahubwo Reta yuburundi Nirabe Ije Mubiganiro bidakumira ,nono Mubona uburundi Burikuhe?

  • Ahubwomwari Mwaratevye Kuko Ayomaheranyene Mwabaha Niyo Bakoresha Mukwica Abene Gihugu Nkurumbi We Nakagwikiwe Abimenye Ko Imana Iyomwijuru Inzotinda Ikadutabara Ikadukurako Umwasi, Abarundi Muhumure

  • Igihugu ntigipfakara,, kanatsinda ombaomba inapozidi waweza kupewa ukimwi. Abarwanya leta baracanga natwe dushigikiye leta nihagera izodutera akamo icotwikorera dushire mukigega ca leta. Nakare ayo dutanga kurababazungu nimenshi turigutanga amaraso mukazi kabo nimbeho kumutwe abumva ukuntu uburundi baburenganya nibobeshi. leta Y Uburundi niyoyatanguza ikigega ababikeneye gufasha nisinzi.....

  • NDAHOJEJE KAROREROKABI NA BUBIBWASHETANI NA NTAGOHEKATAMENYAMARASO NIMWIHANGANE NDABIZI MURABAYE KUBWIYONGINGO ,MURAGANDAYE

  • Bazoyazana Atawuyabatumye Imana Yo Mwijuru Iracakunda Uburundi

  • NDAHOJEJE KAROREROKABI NA BUBIBWASHETANI NA NTAGOHEKATAMENYAMARASO NIMWIHANGANE NDABIZI MURABAYE KUBWIYONGINGO ,MURAGANDAYE

  • Yoooo! Barundi Turahonye ,twahora Twivugisha Na Rirya Ubuho OBR Iza Kutumara

  • Gelase araronse ikiraka! ubu naho ngo vyagenze gute nanyarutse yongere kuduha amakuru ashushe!!
    ndabarahiye n’abitwa ngo bariko bashigikira nkurunziza bazotinda bakanure bakanujwe! !raba universite niyo bahereyeko none higayo gusa abatemera 3eme mandat,bonjour les degats. numunyagihugu nyarucari azotinda atahure. wait and see. ntakuntu abana ibihumbi bokwicara muhira babuzwe kwiga kubera umuntu umwe rudende

  • ahubwo iyo muvuga ko twansw n’imana atari americ imana iba muri amerika?kazima imfashanyo ziva kumana tukizironka.murabuz ivyo mundatira mukibwir america

  • Mwakoze kubihano mwafatiye UBURUNDI nimukomere kwibanga kuko ayo mamiriyoni niyo ya batera amanyama mukwiruka kugura ibirwanisho vyokumara abantu, ahubwo ni mwirukange mubafatire nibindi bisumbaho izontagondwa zitumva.

  • Iyo ngingo yishirahamwe ry’ubumwe bwaburaya ninziza cane ahubwo nubundi mwari mwaratevye jewe nkipfuzako mwofata nibindi bisumba ngaho nkokugara amabasade yose nokwirukana ababasaderi Bose baserukira akokarwi kabicanyi mubihugu vyose bigize EU nokudasubira kwemerera umuntu numwe womurako karwi kwinjira mubihugu bigize uwo muryango mutibagiye nokubabuza kugura ibirwanisho nubwo yoba imbugita ikindi ntimwibagire nibihugu bimwebimwe bigishigikiye akokarwi kinkorabara vyitwajengo nkurumbi yaravyemereye nikel na zahabu nkaho umengo ubutunzi bwigihugu numugabane wase nanyina mukubaha gasopo bibaye ngombwa navyo bifatirwe ibihano mboneyeho nogutera akamo ibihugu vyo mukarere ngonavyo bihamvye EU mugufata ibihano mukubuzako hagira ikintu nakimwe gica kubutaka bwaco kija muburundi harimwo nukutemerako hagira umuntu numwe murako karwi arenga imipaka kiretse gusa igihe yoba yitavye ibiganiro bidakumira nagira sabe kandi EU koyoca irungika inteko zoza gucungera umutekano wabanyagihugu nogutamuriyompi nkurumbi nakarwi kamushigikiye ngobashikirizwe ubutungane kumabiyose bariko barakorera abanyagihugu kuko bitagenze gutyo nizofashanyo muvuga mugomba guha abanyagihugu ntaho bozirira kuko nkurumbi nakarwi kiwe barica kandi bakongera bagasahura ikindi nagomba gusaba EU nuko yotera igitsure bimwe bikomeye abakuru bamwebamwe bibihugu vya Africa bagishaka gushikira nkurumbi nakarwi kiwe babahe gasopo bishobotse babafatire ibihano ikindi mwarimukwiye gufa ingingo yokubafungira ahobari ndavuga mungo zabo hanyuma mugacamutangura gukoresha zadege bita drone mukurabako bavyubahirije uwutavyubahirije mumukorerako ibihano vyomurwego rwose ningobwa kuko nokuri buyoya mwarabifashe kandi vyaragize akamaro ikindi nuko mwosaba ko izego zumutekano zova mumakaritiye yiyamirije ikiringo ca3

  • BABA SENYERI BA GATORIKA NGIRA BARAHIRIWE UE ICA IYABAHA KO BAMAZE ISI BAVUGA YAMUHE KUVA AMATORA ATARABA N’EJO BARAVUZE!

  • Ewe fablice reka kwire mesha nta Mana itanga imfashanyo kubicanyi, ahubwo imfanyo musigaye muronka ni ya ibirisi muraziko nawe nyene asazwe atanga kubiwe. na yubundibwo muriko muhendabantu ngo mwubahi Mana, ndakubwire ikintu kimwe uzogikurikirane uzobwire icogisobanura. shobuja wa nyu Nkurunziza peter, iyariko arikurumwuga rwateguye ibikorane, usanga areze idarapo yi gihugu batera gakorasi kaja ku MAna ni yazugagiza mukirere mbega ni yo ya hinduye igitabo c,IMANA? mubo maze kubona babakozi bi Mana bahezagiwe biterera hejuru na Bibiriya mumaboko. ariko jewe ivyo nabonye canke ivyombandanya kubona ntamuntu wi Mana yo bameze nkurya mbona, nubuhinga yatoye bwoguhenda impumyi ngo nuwuzi Imana, nawe niwebaze kuva agiye kubutegetsi ya tanguye guhiga uwitwa umu Efunere kwarugukubita yi renza, ivyo yakoze mwibibihe navyo nagahomera bunwa. Jewe ari jewe murugo iwanje iyo mbonye ikintu kitariciza ndahaguruka nkumushingantahe murugo,ntikikintu sinzosubire kukibona ngaha murukogo iwaje kandi birubahirizwa. ngomba kuvugiki ? ibihano vyose bifatirwa uburundi biri kugatwe ka peter, kuko yarananiwe gutanga itegeko nkumugabo murugo. reka bamudunuze niwe ya baye ntahomwaaaaaa.

  • Imbehe barayubitse,mu misi mike cane aziyomora nka Djotodia muri centre afrique imana niyo cabona

  • Igihugu nku Burundi gitunzwe n’imfashanyo cyane, byagera kuya EU bikaba ibindi. Niba wasomye neza iyi nkuru, inkunga EU itanga mu Burindi niyo bita ( Direct aid) cyangwa inkunga ijya mu kigega cya leta. Nukuvuga ko Uburundi buzatakaza ikintu kinini kunjyengo y’imari muri 2016-2017 nanyuma yaho. Ingaruka zako kanya ( immediate negative results) nuko leta ya Buja itazongera kubona imishahara y’abasirakare, abapolise, abakozi ba leta n’ibindi. Leta ya Buja ntabwo izongera kubaka umunda mu gihugu, hehe no gusana ishaje ( kandi niba uheruka yo imihanda yabo yose yabaye igisoro. Nta bikorwa remezo bazogera gushobora gukora, hehe no kurinda ibidukikije ( protection de l’enovironement, cyane ko na mashyamba yose bayaciye mo amakara yo guteka) niba uherutse muri provinces za Kirundo, Muyinga, Kayanza, Ngozi Gitega na Karuzi imisozi yambaye ubusa. Ingaruka zikomeye ni ibura ry’imvura rizatera inzara nyinshi no gusuhuka kw’abantu benshi. Icyindi giteye ubwoba nuko ikigero cy’amakori ( imisoro) OBR itoza iri hasi cyane ( revenues base correction yu Burundi iri hafi ya 17%), ibi bigaragaraza ko mw’isanduku ya leta ( tresor publique) nta kantu kiberamo. Ibyuvuga ko ubukunku n’imiberehomyiza yabarundi irihasi kw’isi bizarushaho kudogera mu minsi iri mbere kuko leta nta mafranga izabona yo kugura imiti, kuvura abana n’abantu bageze muzabukuru bizaba ingorabahizi cyane. Nabonye umwe mubategetsi babo avuga ngo "naho inkunga itabaho leta izaho" ntabwo yabeshye kuko ducye leta izakura mu bacuruzi bacye basigaye abategetsi bazatugabana, ubwo akaga abaturajye bato barimo urakumva

  • Twebwe Ico Dusaba Nuko Hoba Umutekano Mugihugu Cacu.Ibindi Navyo,dufise Amahorn Ntangorane.

  • JE KUBA MUFISIVYIYUMVIRO YUGUSHIKA KUBUTEGETSI MWITWAJE ABAZUNGU NIMFASHANYO NTIBIKUNDA,NDABONAKO MUGOMBA UBUTEGETSI GENDA BABAHE MUBATWARE KUKO BO NTIBABAZI TWE MWAMAZEKO ABACU TWARABAMENYE.EN PLUS NAMATORA NTACO MWADUFASHIJE ARIKO YARABAYE KORA IVYO MUTEGETSWE KUKO MUGUMA MUBANZAMATWI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.