Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kenya : Umugabo wa mbere kw’isi yatanguye amashuri ashaje yakejwe na (...)
Kenya : Umugabo wa mbere kw’isi yatanguye amashuri ashaje yakejwe na Google
mercredi 14 Nzero 2015
Umugabo wa mbere wo muri Kenya yatanguye amashuri y’intango akuze yashizwe mu gitabo c’abantu bagize ibintu bisangije kw’isi. Ku rupapuro rwa mbere ry’uruhome rwa Google muri Kenya hariko igicapo c’umutama Kimani Maruge ari kumwe n’abuzukuru bigana mu mashure y’intango.
- Kimani Maruge yigana n’abanyeshure bangana n’inzukuruza ziwe
Ico gicapo kiri kuri urwo rupapuro rwa Google cashizweko igihe bibuka imyaka 11 iheze Kimani Maruge agiye kw’ishuri. Uwo mutama Kimani Maruge yiyandikishije kw’ishuri Eldoret kw’igenekerezo rya 12 Nzero 2004, ico gihe yari afise imyaka 84.
Kimani Maruge yatanguye ishure y’intango kuri iyo myaka kuko yipfuza kwiga gusoma ivyanditse muri Bibiliya hamwe no kumenya guharura. Nta rupapuro rwemeza aho yavukiye ariko wenyene yavuga ko yatanguye kuja kw’ishuri afise imyaka 84.
- Kimani Maruge ibiharuro bimurembeje mw’isomero
Google iciye k’uwujejwe kumenyesha amakuru yo mu karere k’ubuseruko mu bihugu bikoresha igifaransa, Dorothy Ooky, amenyesha ko kugira Google ishire iyo shusho ku rupapuro rya mbere ari kubera Kimani Maruge yabaye umuntu wa mbere rurangiranwa kw’isi mu kwerekana akamaro ko kwiga.
Igitabo ca Guiness candikwamwo abantu babaye rurangiranwa kw’isi, Kimani yashizwemwo nk’umuntu wa mbere yatanguye amashure y’intango afise imyaka myinshi.
Mwomenya ko Kimani ashimira igihugu ca Kenya ko kidakumira ku myaka mu bijanye n’uburenganzira bwo kwiga, eka n’umukuru w’igihugu ca Kenya w’ico gihe Mwai Kibaki yaragendeye umutama Kimani Maruge.
Uwo munyeshuri wa mbere akuze ntiyashoboye kumara amashuri yiwe kuko yitavye Imana amaze imyaka itanu gusa yiga, yahitanywe n’indwara ya cancer yo mu mushishito.
Cherif Nkeshimana
Messages
14 Nzero 2015, 17:22, par hatungimana
Abanyamwete nkabo barakwiye gushimigwa vyakarorero. Ariko hari n’abandi bakoze ivyakarorero batavugwa! Pansez a eux!
14 Nzero 2015, 21:48, par adriendi
nukuri uwo mutama yasumbije abajeune benshi kumva akamaro kukwiga,nabere akarorero abandi bavyipfuza ariko bakicwa nisoni
22 Nzero 2015, 10:29, par NIYONGABO JOSEPH
Yapfuye ahiriwe cane naburya yarafise umugambi w’ugusoma bibiliya. Mu yandi majambo, Imana yaramugendeye mu busaza. Cobera icigwa kubantu badafise umugambi w’ukwama biyumvira kwungura ubwenge kubera idwara y’ukwama bavuga ngo barakuze!
30 Ndamukiza 2015, 21:38, par Pontien Niyonzima
None Iyo Mutama Yiyumvira Kubuzima Busubira Gutangura?Ha!Yashatse Arwe Kwitere Nka Molière.Iyo Courage Rero Natwe Tuyigire Twame Tubona Kure Nkawe.
24 Nyakanga 2016, 17:23, par justin
nouwomuntuyitwandeafiseimyakaingahemundungikireifotoyiwe
10 Ruhuhuma 2017, 21:19, par Voondtch Bob King*
Uyumuzeh Yarafis Kazoz Naho Rashaje Haribensi Bifuza Kwiga Ariko Bakibishiramwo Ubute We Yaraz Imyak 3 Yiga Nifuri Courage Naband Bavyifuza
21 Ruheshi 2018, 12:49, par ndayizey gerard
Nivyiza Kubon Yipfuza Kuja Kwishur Akuz.Ivyo Nibike Bovyiyunvir Kuja Kwishur Bakuze.