Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Paul Gitwaza: "Sinje gutwara abakristu bo mu Burundi"
Paul Gitwaza: "Sinje gutwara abakristu bo mu Burundi"
jeudi 18 Ndamukiza 2013
Inyuma y’igikorane cikanguro cabaye muri Zion Temple Bujumbura , camaze iminsi indwi giteguwe na Apotre Gitwaza, hakaba haje abantu benshi kandi barahezagirwa , inkuru ikomeye ivuga ko Apotre gitwaza agiye kwimukira ino mu BURUNDI, umutima wa Afrika.
Abamenyeshamakuru bamubajij igituma aje, nawe avuga ko afise ubutumwa bwiza afitiye Uburundi agomba gushikiriza. Yavuze ko Imana yibutse Uburundi hama ati abarundi barakomeye uravye kwisi abamaze gukora ibintu bitandukanye haba abaganga n’abandi nk’uwo yabonye muri Amerika ashobora gukora imoteri ya boeing. Yabandanije avuga ko ubutunzi bwinshi buri mu Burundi. Yaramenyesheje ko kw’isi hari ibihugu bibiri bifise indamukanyo imwe navyo ni Israyeli n’Uburundi. Aho baramukanya shalom abarundi nabo ngo amahoro ngo ivyo ni ibimenyetso ko Imana yibutse Uburundi mu kwerekana ubutunzi mu mico no mu bindi. Iyo abantu batanguye kurondera Imana ibereka ibinyegejwe nk’uko vyanditswe muri Bibiliya muri Yesaya 45,3
Mu kiganiro yatanze, yabwiye abarundi ngo baze bashire hamwe bakorere Imana hanyuma amashengero agire ubumwe, bareke kwibaza ko aje kubatwara abakirisu nk’uko bamwe bavyiyumvira ariko ko aje gufatanya nabo mu gikorwa co kuvuga ubutumwa.
Gildas Ndihokubwayo
Messages
18 Ndamukiza 2013, 12:10, par ko
kalibu mutama wacu, U Burundi bufise amahirwe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! be blessed
18 Ndamukiza 2013, 12:34, par Shukuru
Turi kumwe mumurimo wimana
19 Ndamukiza 2013, 02:34, par yo
kalibu iwacu !!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
20 Ndamukiza 2013, 02:33, par Hamad
kuba apotle Gitwaza aje kuba muburundi akongera akahavuga ubutumwa n’umugisha canke imigisha Imana iturungikiye,karibu canke karibuni nimwaba muzananye numuryango wanyu,ndakwipfurije kuzoshika kuco wipfuriza uburundi n’abarundi tukaba tuguhaye ikaze mw’izina rya Yesu,uze ugire ukuroranirwa mubikorwa vyawe vyose,uze ugire ikiganza ciza nka yosefu,uze ugire ukwihangana nka yobu,uze ugire uburongozi bwiza nka Mosse.
20 Ndamukiza 2013, 02:39, par mugisha
U burundi busi umugisha pe! ndazi neza Apotle azananye umugisha mugihugu cacu! kandi nanje niteguye kuwakirana amaboko yombi!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!1
20 Ndamukiza 2013, 08:31, par Aniella
Karibu mu Burundi, ariko turagusavye uzosengere abarundi bemere Imana vy’ukuri. Benshi bariyorobeka
3 Gitugutu 2013, 08:31, par KWIZERA Claire
Gitwaza ntabwo aje kutwiba négatif, Gitwaza atanga ubutumwa n’impanuro vyubaka. Atanga insiguro ijanye n’ibihe turimwo bituma buri muntu ategera. Ahubwo qu’il soit le BIENVENU NOTRE FRERE APOTRE IMITIMA YACU IRAGADUTSE CANE.
13 Gitugutu 2013, 16:54, par Iranyibutse celestin
Karibu muburundi iwacu kandi nawe niwanyu,urakoze kubona uza gutura mukarere kiwanyu,nivyiza cane,Imana iguhezagire mugikorwa cawe cokuvugubutumwa.Be blessed!
24 Gitugutu 2013, 04:52, par Didace Sabushimike
Nukuri Kubona Apotle Paul Gitwaza yaje kuguma mu Burundi na canecane muri iki gihe tugezemwo n’umugisha utovugwa bisaba ko umuntu agira ihishurirwa kugirango ibi bintu abishingirintahe .Kaze Gitwaza Intumwa y’Imana mu gihugu cacu c’Uburundi,imana Ikongere amavuta natwe Abarundi bose tubone kuyakirako .Komeza umurimo mutama Ndagushigikiye n’umutima wanje wose.
20 Kigarama 2013, 10:39, par Hervé
Urakaza neza muburundi.uje hageze pe!Imana ikuje imbere.Imana irakunda uburundi.
26 Kigarama 2013, 00:00, par Kagabo
Karibu mu gihugu urisanze niwanyu maze usabire igihugu cacu kigire amahoro nurukundo hama namwe ndabifurije umugisha numuryango wawe
20 Nzero 2014, 17:02, par bernice
karibu papa kuva muhashitse nivyinshi vyahindutse mubuzima bwacu nubu turiteguye kwakira
31 Rusama 2014, 01:32, par ndagijimana jean de eieu
imana itwitayeh kuba intumwa nkagitwaz iza muburun nivyagaci can turanezerew birenze kub turi kumw nintumw nkiy ok uhezagigw mumurim wiman
26 Gitugutu 2014, 13:51, par NDIHOKUBWAYO Isaïe
twiteguye kukwakirana urwez mukozi w’ Imana. Kuza iwacu ni umugisha kuri twebwe! kaze murisanze!
4 Kigarama 2014, 10:20, par Raphael NTIRABAMPA MUTIMA
Kaze kandi uje mubawe, ndabifurije kugira ikiganza ciza maze akanwa kawe kaze kature ivyiza simvuze ngo nimwabona ikibi ngo muze munume oya ndabifurije guhora muhishurirwa amabanga y’IMANA nkuko IMANA yahora ibikorera Mose. Ba Mose na bandi baratambutse ubu nimwe mugihema bikore maze duhembuke YESU CHRISTO abane nawe no mu gikorwa ca minsi yose
MUTIMA
30 Ndamukiza 2015, 21:33, par ANDRE
NDI ANDRE FROM BURUNDI NIKI CAMPA MAHORO NDARUSHE
7 Rusama 2015, 18:53, par Maud
Twiteguy ku kwkra mukozi w’imana kaz mu burund imana igusubrz aho wakuye kandi iguhe umugisha
23 Rusama 2015, 03:18, par kelly
Urasengera lmana lmpe kwizera yesu anguh umugisha
21 Mukakaro 2015, 17:12, par patrick hakizimana
Nukuri vyoba vyiza aje kuko nanje sengera kuri zion temp?kaze kz papa wacu
4 Nyakanga 2015, 20:39, par alphonse nkeshimana
Ico nzico nuko yasizwe amavuta karibu Mutama imana ikomeze kuguhishuriraa. mabanga
4 Nyakanga 2015, 20:44, par alphonse nkeshimana
Ico nzico nuko yasizwe amavuta karibu Mutama imana ikomeze kuguhishuriraa. mabanga
7 Munyonyo 2015, 20:19, par NZEYIMANA J.CLAUDE
NIYIYIZIRE IBIRENGE BIJE KUVUGA UBUTUMWA NTA WUVYUKANA
26 Rusama 2016, 15:23, par Niyonkuru Aaron
Tumuhayikaz Iwacu Turmukund Twamatugomb Kwumva Ijwiryiw
12 Mukakaro 2016, 20:50, par Kevin Geroof
Yesu aguhe umugisha
20 Kigarama 2016, 16:40
Nivyizacanekukoturashakotworokokakandituzohanyeravyishi Imana ibahezagire
24 Ruhuhuma 2017, 16:21, par Niyubuntu Alexis
Mbega Numuvugishwa? Canke Akoresha Amagetegete Mbega Araruhuka Isabato? Canke
26 Ndamukiza 2017, 20:59, par Shemezimana
None Abiyumvirako Aje Kubatwara Abakristu Nabapasitori Canke?
Abantunkabo Tubatubanyotewe Nibiyizire Ariko Batazana Ubwendanyi
26 Ndamukiza 2017, 21:03, par Pini
Uwt Twj