Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Prophet’s Voice > Inkuru > Prophet’s Voice yazanye "umunywamazi" wogabanya imvura yimirije (...)
Prophet’s Voice yazanye "umunywamazi" wogabanya imvura yimirije kurwa
mercredi 27 Myandagaro 2014
Umurwi wa Prophet’s Voice uriko utegura igiteramo bavuga ko ari ico guhumuriza imitima y’Abarundi iri mu bibazo n’ubwoba bwa kazoza. Igiteramo kizobamwo bishasha vyinshi harimwo ururirimbo rushasha rutegerezwa kuzokora kuri benshi.
Mu gihe Abarundi bamwe bamwe bugarijwe n’ingorane, ubwoba, n’igipfungu ca kazoza, umurwi Prophet’s Voice wabateguriye igiteramo co mu mudiho wa Raggae, bitiriye "Umunywamazi". Steven Kezamutima umwe mu bagize uwo murwi, asigura umutwe w’igiteramo uku gukwirikira:" Umunywamazi ni ikintu kiza iyo mvura igira igwe maze kikayihagarika canke hakagwa nke. Kwitira ico giteramo "Umunywamazi" n’uko kije guhumuriza, gusubiza mu nda imitima y’Abarundi babona ikintu kimeze nk’imvura ikuvye. Iyo mvura tuyigereranya n’ibihe vya poritike, aho abanyamigambwe batumvikana mu gihe himirije amatora, bigaheza bigatera ubwoba abanyagihugu. Ni igiteramo kije kwerekana ko imbere hashobora kuba heza, ko kandi ari twebwe dutegerezwa kuhagira heza".
Igiteramo c’umurwi Prophet’s Voice kizokwumvikanamwo indirimbo zo mu rukwirikirane"Ikebuke" zitari bwavuzwe. Gishasha ni zimwe mu ndirimbo nshasha zizovuzwa uwo munsi. Aho harimwo ururirimbo "Ntawuhora ku ngoma" ruzoba rufise ubutumwa rw’ibigezweho.
Kuri uwo munsi, ama "CD" y’umurwi Prophet’s Voice azogurishwa amahera ibihumbi cumi (10.0000frbu) vy’amarundi. Igiteramo kizobera mu kigo c’Abafaransa, Steve avuga ko naho ari hato ata kundi bari kubigira kubera umurwi ata buryo bwinshi ufise kugira ufate ibibanza vyiyaguye, narirya ata mufasha bararonka.
Ibisigaye murabe aha munsi ku rupapuro ntangazagiteramo.
Cherif Nkeshimana