Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugabo wa mbere muremure kw’isi n’uwundi mugufi cane bahawe ubushimwe: (...)
Umugabo wa mbere muremure kw’isi n’uwundi mugufi cane bahawe ubushimwe: Amafoto
vendredi 14 Munyonyo 2014
Umugabo wa mbere muremure kw’isi yaraye ahuye n’uwo twokwita igihushane ciwe, uwo nawe n’umugambo wa mbere mu gufi kw’isi. Bahujwe n’agashimwe ka Guinness Record gahabwa abantu bafise ibintu bitangaje bisangije.
Ku ncuro y’icumi igitabo"Guiness Record" caraye gitanze ubushimwe, ibirori vyabereye mu gisagara ca Londres imbere yahakorera inama nshingamateka. Ubushimwe bwahawe Sultan Kösen ava mu gihugu ca Turkiya afise uburebure bwa metero 2,51, uwo yahuye na Chandra Bahadur Dangi wo mu gihugu ca Nepal afise uburebure bungana na centimetero 54,6.
Chandra Bahadur Dangi w’imyaka 72 y’amavuka, yitavye ibirori yambaye impuzu ndangakaranga, yavuze ati:"Numva ndyohewe no kubona umuntu wa mbere muremure kw’isi, emwe turi ibihushane".
Sultan Kösen w’imyaka 32, nawe ati:"Erega nkimubona nibajije aho ahava angera ku maguru!". Kösen rero arafise ingorane mu magara yiwe ziterwa n’ubwo burebure ariko chandra Bahadur Dangi wewe ntangorane afise zitewe n’ubugufi bwiwe burenze".
Kösen avuga ko afise ingorane mu mavi bituma adashobora kumara umwanya munini ahagaze. Gukura cane birenze kwa Sultan Kösen kwoba kwavuye ku kivyimba yagize ku gahimbako mu bwonko kitwa hypophyse.
Mu mwaka w’i 2010, baramubagiye i Virginie muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ico gihe baramuhaye imiti yofasha gucungera uko gukura. Mu mwaka w’i 2012, yafatwa nk’uwakize kandi birashoboka ko atazosubira kurenga aho. Ariko yaciye ategekwa kugendera ku bibando bita "béquilles".
Raba amafoto aha munsi
Cherif Nkeshimana
Messages
14 Munyonyo 2014, 16:42, par bigirimana
Aba bantu baraberewe cane
14 Munyonyo 2014, 17:44, par Remy
Mubihe Vyose Twame Dushimira IMana Kuko Yaturemye Muburyo Butangaje.
14 Munyonyo 2014, 17:45, par john
Nanje nfise akashimwe kabo .ubu ndabategereje mukanya ndakabahe kuko baraberewe cane
14 Munyonyo 2014, 19:58, par surprised
please God is God!I like this kind of story so thank you for it!
14 Munyonyo 2014, 20:12, par GQ
Umuyaga uzomuvuna
15 Munyonyo 2014, 06:39, par Prince
ahubwo yaba bishoboka no mu Burundi twoba akarorero tugaha abameze nkabo ubushimwe
15 Munyonyo 2014, 17:18, par burosi
Imana irarema ikerekana neza ubusumbane bwabantu kububasha bwayo
28 Munyonyo 2014, 10:31, par luc
Ariko uwo muremure aramugaye ko afise bekiye!!canke yanka kuvunika!
3 Kigarama 2014, 12:16, par BIGIRIMANA ANTOINE
IMANA NI YOKUBAHWA .ABABANTU TURABAKENEYE MU BURUNDI.
11 Rusama 2015, 20:55, par Michel
Nukuri Ndatangayekubona Umugabomugufi Nkuyu
23 Myandagaro 2015, 22:48, par emanuel
uyumugabo.aratangaje
3 Ndamukiza 2016, 08:00, par ERIC BIGIRIMANA
birrantaj can
5 Ndamukiza 2016, 09:27, par Benjamin Hazadi
Non Biterwa Niki Kuba Mugufi Canke Kuba Muremure Birenze?Nakuze Numva Ngo Nukubura Ivyankenerwa Mumubiri !Umuco
30 Ndamukiza 2016, 14:25, par AYUBU
NDAGUKUNDA
29 Rusama 2016, 21:29, par Melance
None Yararose Umusheri Bareha Mbe Afise Imyaka Ingahe?
7 Ruheshi 2016, 11:25, par Pontien Rgi Ndayizeye.
Imana Irema Uko Igomvye .Dushime Uko Yaturemye Twac Bagufi Canke Bareba re Twese Turabayo Kandi Iradukunda.
20 Mukakaro 2016, 09:34, par Maherezo
Ivyo ntabwo ari iggitangaza ikibabaje nuko ivyo vyose ataco vyigisha twebwe abatuye isi.Ehee!ivyo nibitwigishe tumenyuko twitwara YESU ari hafi
21 Myandagaro 2016, 17:03, par Ndimurukundo Onesphore
Nshimishijwe No Kubona Abantu Bagufi Na Barebare Kw’isi
1er Ntwarante 2017, 19:35, par Nitunga jean claude
KO ARI MUREMURE YOHAMVYA KW,IJURU?
11 Ndamukiza 2017, 11:47, par Wiliam
Kwarenze Yokwicara Mumodoka Bigakunda?
11 Ndamukiza 2017, 23:33, par Isma El Jaden
Ndaryohewe no kubimenya kbs
24 Ndamukiza 2017, 18:26, par Shema Prosper
NUKURI BIRANEJEJE, WAGIRA NGO NIWE "ADAMU" WO MURI BIBLIA NUKO UYU WE ATABYIBUSHYE, NAHO MUGENZI WE BANZA ARIWE "ZAKAYO" BAVUZE
4 Mukakaro 2017, 11:15, par Richard Niyondiko
abobantu Baragow Warahi! Nonebarashobora Kwakira Abagora?
20 Myandagaro 2017, 15:03, par Jonathan
biratangaje Cn Kubona Abobantu!Kandi Bose Baremw Ni Imana Imwe!Yireke Yitwe Imana Birakwiye Pé.
2 Ntwarante 2018, 05:45, par kubwinana.bonn
yewe baratangaje.ntamuriremure.ntamugufi bose baratangaje gusa
3 Ntwarante 2018, 23:11, par Bayubahe Reverien
Uwo Ntakozwe Mwivu!!
19 Ruheshi 2018, 10:38, par Ndayizey Gerard
ndanezew cane nukubon abant babahuje kandi nibirambir iman niy yabasizeh kugira itwerek katac inaniwe ishoboy kurem vyose.
5 Myandagaro 2018, 20:31, par Nduwimana Appolinaire
Sinarinzi Ko Abantu nkabo Kwisi Ko Bahari !!!.