Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yahisemwo kurongorwa n’ibuye kuko ariryo umutima wiwe wakunze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yahisemwo kurongorwa n’ibuye kuko ariryo umutima wiwe wakunze

Yahisemwo kurongorwa n’ibuye kuko ariryo umutima wiwe wakunze

mardi 9 Mukakaro 2013

Jodi Rose umwigeme w’umunya Australiya yiyemeje kwubakana n’ibuye riri mu gihugu c’ubufaransa rimaze imyaka 600 ribayeho.

Uyo mwigeme nk’uko yabimenyesheje ku muhora wiwe w’ubuhinga ngurukana bumenyi, yakoze urubanza rwo gushingiranwa n’iryo buye kumugaragaro naho ivyo birori bititabiriwe n’abantu benshi.

Nk’uko umuhora wiwe ubivuga, uyo mwigeme yavuze ku mugaragaro ko abaye umukenyezi wa pont Diable nk’uko iryo buye ryitwa, yasiguye kandi ko yakunze iryo buye mu gihe yari yaje kuriraba bituma arikunda. avuga ati: Le Pont du diable ni ico kintu nshobora gushaka nk’umugabo ,rirakomeye, n’iryo kwizigirwa, rirashimishije, ni ryiza n’ibindi vyinshi.

Birumvikana ko nkunda ayandi mabuye mbere n’abandi bagabo, urukundo rwanje n’ururaba ibintu bimbako mu buzima, nico gituma numva iri buye ndi umugore waryo naryo rikaba umugabo wanje.
Uburongozi bwa Leta y’ Ubufaransa ntibuhuza n’uyo mwigeme kuri ico cemezo yafashe co kurongorwa n’ibuye naho uyo mwigeme avugako kwubakana n’iryo buye bikomeye kurusha ico arico cose kuko yabikoze avyitondeye kandi yavyiyumviriyeko bikwiye.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.