Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyo umuririmvyi "Jiji Seven" yamereye abakunzi biwe azobishitsa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Inkuru > Ivyo umuririmvyi "Jiji Seven" yamereye abakunzi biwe azobishitsa (...)

Ivyo umuririmvyi "Jiji Seven" yamereye abakunzi biwe azobishitsa vuba

jeudi 30 Nzero 2014

Isango umuririmvyi Jiji Seven yahaye abakunzi biwe riregereje, agatu yabateguriye agiye kugatekurura. Za ndirimbo indwi zegeranirijwe mu rukurikirane «I’m a soldier» yashize muri DVD nshasha izoba ibaye iya mbere yiwe hamwe nokwerekana ubuzima bwiwe bigiye gushikirizwa abakunzi biwe.

Irakoze Jean-Claude atangura asaba imbabazi abakunzi biwe, ati : «Ibigora bigora abagabo, kandi haruha uwuri ku kivi». Haheze iminsi abemereye gushira ku mugaragaro DVD yegeranirijwemwo indirimbo 7 yise «I’m a soldier», hamwe n’ubwoko bw’ireresi «Documentaire» yerekana ubuzima bwiwe kuva mu bwana bwiwe gushika ubu ari umusore. Jiji avuga ko yahisemwo kwita iyo DVD «I’m a soldier» kuko iryo zina ari iry’ururirimbo rumwe rwo muri iyo DVD ruvuga ubuzima yaciyemwo, aho yahura na Shetani kenshi ariko ko yahagaze nk’umusirikare maze ari kumwe n’Imana. Zimwe mu ndirimbo zigize urwo rukwirikirane harimwo « I’m a Soldier»,«Dance with me» «You are the same», na «Mister number one» .

Mu giteramo nkuramvyiro agiye kugirisha muri Ruhuhuma 2014 ahahoze hitwa Odéon Palace, azokwerekana izindi ndirimbo 3 ziri mu rukirikirane «I’m a soldier», kuko zirabitswe nk’amata y’abashitsi.
Abipfuza kumenya ibikorwa vyiwe boca ku murongo ntangazamakuru wiwe jijiseven.com


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.