Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jiji Seven ariko arondera abana bo mu miryango ikenye kuruta iyindi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Inkuru > Jiji Seven ariko arondera abana bo mu miryango ikenye kuruta iyindi (...)

Jiji Seven ariko arondera abana bo mu miryango ikenye kuruta iyindi abafashe

mardi 21 Ndamukiza 2015

Jiji Seven yatanguye kugira amatohoza ku bana ba ntaho nikora agiye gutangura gufasha. Uwo muririmvyi asaba uwo wese afise umutima wo gutera intambara mu Burundi ateshwe ate, kubera hari n’intambara y’ubukene mu miryango.

Nk’uko yari yabimenyeshe imbere y’igiteramo giheruka, Jiji Seven yarafashe urugendo ejo aho yabonana n’abarongoye imitumba abasaba kumurangira imiryango ikenye cane kuruta iyindi ari nayo agiye kuzofasha abana babo kwiga. Avuye mu mu misozi ya MWAZA na KINDOBWE yo mu KABEZI, yanditse ati:"Na ho abantu ba ruguru babayeho mu buzima bugoye bw’ubukene, n’izindi ngorane nyinshi, nagerageje kuraba ukuntu bameze neza, bakundana. Bagerageza gutwenga naho biba bigoye. numvise ndabakunze caane. Please, wewe ushaka gusubiza abana b’igihugu mu ntambara n’ayandi mabi yose, ndakwinginze ubihagarike kuko abanyagihugu bararushe vraiment. Bafise ibibazo vyinshi caane, barakeneye kubivamwo no gutera imbere".

Tumubajije ico yagiye abashiriye, Jiji Seven yishura ati:" Nzosubirayo ejo(aho bukera), harya nari ngiye guhura n’abarezi hamwe n’abakuru b’imitumba kugira bantorere imiryango 15 ya mbere ikenye. Muri iyo nyene , niho nzotora abana mfasha. Tuzoca tuvugana n’abavyeyi babo uko nzobafasha".

Twashatse kumenya ko amahera yakuye mu giteramo ariyo agiye gufashisha abo bana, nawe ati:" Gufasha abo bana si ivy’ubu gusa, niyemeje gufasha abo bana gushika baheze amashuri y’isumbuye. Imana imfashije uburyo bukaboneka nzokwongereza igitigiri c’abana".

Tubibutse ko uwo muririmvyi w’umudiho wa Raggae mu ndirimbo mpimbazamana aherutse gukora igiteramo co gushira ahabona urukurikirane rwa mbere yise"He Knows me".

Umviriza ’Time will come’ rwa Jiji 7


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.