Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jiji Seven yibazako agiye kuruhuka ariko siko vyagenze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Inkuru > Jiji Seven yibazako agiye kuruhuka ariko siko vyagenze

Jiji Seven yibazako agiye kuruhuka ariko siko vyagenze

mercredi 5 Ntwarante 2014

Urugendo umuririmvyi Jiji Seven yaramazemwo iminsi mu gihugu c’Urwanda ntirwabaye nk’uko yari yabiteguye. Ica hindutse n’uko yari azi ko agiye mu karuhuko, ariko ashitseyo bigaca bihinduka, yasanze hari abamunyotewe.

Kuva kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma, umuririmvyi Jiji Seven yari mu gihugu c’Urwanda. yagiye inyuma y’iminsi mikeyi isanamu y’ururirimbo " Dance with me "isohotse. Jiji Seven akigenda yavugako agiye gufata akaruhuko gato. Ariko siko vyagenze

Ashitse mu Rwanda bamubwiyeko hari umuririmvyi w’umurundi aba muri ico gihugu yama avugako amukunda, yumvise ko Jiji ari muri ico gihugu, barabonanye baca bumvikana gukorana ururirimbo. Kw’igenekerezo rya 03 Ntwarante, kuva mu gitondo, Jiji Seven yari kumwe na Peniel bari mu nzu y’umuhinyanyuzi Johnson. Umunsi waheze bajeje gukora ururirimbo " I will dance for u Lord". Bwakeye amajwi yarwo yahejeje gutunganywa. Ubu rero ururirimbo ruriko ruravuzwa.

Muri urwo rugendo yatumiwe mu nsamirizi zo muri ico gihugu, yari umutumire mu kiganiro "Sana Weekend Relax" gica ku nsamirizi SANA.

Muri uno mwanya, uwo muririmvyi ari mu modoka agaruka i Burundi mu gihugu ciwe.

Umviriza ururirimbo "i will dance for u Lord" aha munsi


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.