Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jiji Seven yatanguye urukurikirane rushasha muri Studio nshasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Inkuru > Jiji Seven yatanguye urukurikirane rushasha muri Studio nshasha

Jiji Seven yatanguye urukurikirane rushasha muri Studio nshasha

mercredi 3 Kigarama 2014

Umuririmvyi Jiji Seven aratangura gushira amajwi mu ndirimbo zizoba zigize urukurikira rushasha. Urwo rukurikira rusa n’urwuguruye inzu y’ubuhinyanyuzi nshasha.

JPEG - 60.8 ko
i Buryo Jiji Seven, i bubamfu umuhinyanyuzi Bachir Dia

Urukurikirane ruzoba rugizwe n’indirimbo 10 zose zikozwe mu rurimi rw’icongereza, mu mpera za Nzero umwaka 2015 rushobora kuzoba rwasohotse. Nk’uko Jiji Seven abitubwira, urwo rukurikirane rukozwe kubw’amasezerano afitaniye n’inzu ifasha abaririmvyi yo muri Nigeriya yitwa iRecord Limited. Ari naco gituma izo ndirimbo zose zizokorwa mu ruririmi rw’icongereza. Jiji abandanya avuga ko urukurikirane yise "He Knows Me" ruzoja ku rugero mpuzamakungu kuko n’ubutumwa ashaka gutanga aciye mu ndirimbo buraba buri muntu wese aho ari hose kw’isi.

Ubwo butumwa Jiji Seven avuga indirimbo ziwe zizohurirako ni ubu bukurikira : "Twese dufise itanguriro rimwe. Nta muntu n’umwe yitoreye umuryango avukiramwo, aho avukira, igihe co kuvukirako, igitsina canke ubwoko. Ivyo vyose vyabaye ku gushaka kw’Umuremyi".

Urukurikirane rwa Jiji Seven ruzokorwa n’umuhinyanyuzi Bachir Dia mu nzu yiwe nshasha y’ubuhinyanyuzi MADIBA STUDIO. Jiji ashobora kuba umuririmvyi wa mbere azoba akoreye indirimbo muri iyo nzu (Studio de Production).

JPEG - 64.9 ko
Ibikoresho biri MADIBA Studio
JPEG - 57 ko
Ibikoresho biri MADIBA Studio

Umviriza ururirimbo "We are the Same" ya Jiji Seven


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.