Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwahoze ari musitanteri wa Komine Ngagara ashaka guhindura ibintu aciye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Inkuru > Uwahoze ari musitanteri wa Komine Ngagara ashaka guhindura ibintu aciye mu (...)

Uwahoze ari musitanteri wa Komine Ngagara ashaka guhindura ibintu aciye mu ndirimbo

mardi 26 Myandagaro 2014

Jiji Seven aherutse gutorwa mu bandi baririmvyi kugira akore ururirimbo rw’ishirahamwe "Association for Peace and Love in Jesus Christ". Abarongoye ishirahamwe barasigura igituma yatowe n’ico yatorewe. Jiji Seven arashimishwa n’uko yatowe mu bandi. Urwo ruriirmbo yipfuza kurushikana kure cane, ubutumwa bukenewe na benshi.

Musitanteri i bubamfu, Jiji Seven i buryo

Ururirimbo Jiji Seven yatorewe kuririmba rwitwa "One God, One Blood, One Humanity" bisigura "Imana imwe, Amaraso amwe, Ubuntu bumwe". Uwahoze ari musitanteri wa komine Ngagara, Parfait Ndibanje arongoye ishirahamwe, atubwira ko igituma batoye uwo mutwe w’ururirimbo ari kubera abantu ari bamwe naho hari abavyirengagiza. Ati:"Mu gutora uwo mutwe twaravye dusanga abantu ari bamwe kuko amaraso y’umwe ashobora gukiza uwundi, kandi atawisangije umurwi w’amaraso. Imana yaremye abantu ni imwe, ikindi n’uko abantu bose baremwe kumwe bose basangiye agashusho k’Imana".

Uwo munyeporitike avuga ko bahisemwo Jiji Seven kubera yumvise indirimbo ziwe n’umudiho azivugirizamwo bikamukora ku mutima, kandi n’abandi bamuhanuye ko yotora Jiji.

JPEG - 46.3 ko
Desire Parfait Ndibanje arongoye komine Ngagara

Jiji Seven nawe arashima kubona yaratowe kuririmba n’iryo shirahamwe kugira aririmbe indirimbo yaryo. Ivyo yabivuze igihe twamusanga muri Afro Music ariko akorana n’umuhinyanyuzi Marc Kibamba guheraheza gushiramwo amajwi mu ruririmbo. Nk’uko twavyiyumviye, ururirimbo ruri mu mudiho wa Raggae, kubera Jiji asanzwe akunda cane umuhisi Luck Dube na Peter Toshi. Kubera ubutumwa buhambaye bwokora ku mitima ya benshi yipfuza kugeza kure urwo ruririmbo.

Ururirimbo rugasohoka tuzorubumvisha.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Amaahoro...Félicitations pour JIJI Seven mugabo wewe Cherif wanditse iyi nkuru,kosora Mustaneri ntakiri Parfait Ndibanje haruyundi...sinon c grave...kubarabizi....Merci

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.