Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Inkuru > Umuririmvyi Jiji Seven na Cynthia bagiye gushinga urwabo
Umuririmvyi Jiji Seven na Cynthia bagiye gushinga urwabo
jeudi 5 Ruheshi 2014
Ivyahora biri ku mutima w’umuririmvyi Jiji Seven yabishize ahabona, yasohoye amakarata y’ubutumire bw’ubugeni, akaba azokwubakana na Namahoro Cynthia.
Jiji Seven yasohoye amakarata y’ubutumire (invitations), azokubaka urwiwe kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro. Cynthia Namahoro asanzwe aba mu gihugu ca Suede niwe bazokwambikana impeta y’ubudatandukana. Ku butumire bwiwe, Jiji yanditseko ati:"Tubiri tuvurana ubupfu, abakoreye hamwe bazana umwimbu ushimishije. Umwe atemvye uwundi aramuvyura, haragowe umugabo arwa hasi akabura ikimuvyura".
Mu gihe Cynthia Namahoro aba mu mahanga (Suede), twarabajije Jiji Seven ko batazoca bajana inyuma y’Ubugeni. Uwo muririmvyi yishuye ko naho bizoshika akagenda mu mahanga ko atazokwibagira igihugu ciwe akunda cane. Azogenda ariko ntazogumayo, kuko iyo kutaba gukunda Uburundi, avuga ko aba yarajanye n’umuryango wiwe usanzwe uri mu mahanga.
Mwomenya ko ibirori vyo kubahezagira bizobera ahahoze hitwa Odeon Palace, ubu hitwa "Christian Life Center". Kwivuna akanyota ni muri Jardin Public. Ikindi mwokwibuka n’uko ubugeni bwa Jiji Seven buzokwirikirana n’ubwa Fortran Bigirimana.
Soma ivyanditse hagati ya Jiji Seven na Cynthia Namahoro bagiye gushinga urwabo
Cherif Nkeshimana