IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Ikoh Multiservice yasohoye ururirimbo rutakozwe na Amir Pro

Ikoh Multiservice yasohoye ururirimbo rutakozwe na Amir Pro

vendredi 17 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

"Relax" ni ururirimbo rushasha rwakozwe n’abaririmvyi Double Jay na Franck Duniano. Urwo ruririmbo ntirwakozwe n’inararibonye mu mwuga w’ubuhinyanyuzi Amir Pro wa Ikoh Multiservice, nk’uko vyari bimenyerewe. Tubajije muri Ikoh, Haruna atubwira ko ururirimbo rwakozwe n’umuhinyanyuzi iLogos asanzwe akorera mu gihugu ca Kenya.

Haruna abandanya avuga ko uwo muhinyanyuzi azwi cane mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yaje mu Burundi, maze asaba muri Ikoh ko yokorana n’abaririmvyi Doube Jay na Franck Duniano.

JPEG - 116.3 ko
Guhera i bubamfu uja i buryo : Double Jay, iLogos hamwe na Franck Duniano,

Tugireko tubamenyesha ko umuhinyanyuzi iLogos amaze gukorana n’abaririmvyi nka Sauti Sol bo mu gihugu ca Kenya bariko bandika amateka mu muziki wa Afrika.

Muri Ikoh Multiservice babandanya batubwira ko atari ubwa mbere abaririmvyi bari mu mugambi "U’ll Changes Vol2" bakorana n’abahinyanyuzi mvamakungu, aha turavuga nka Dj Daddy na McMello bo muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, naho indirimbo zitarasohoka, hamwe n’umuhinyanyuzi OJ Vibes mu ruririmbo "Ihinduka".

"Relax" ni ururirimbo rusohotse mu gihe hasigaye iminsi mike ngo ya minsi y’ibiteramo vya Ikoh Multiservice vyitezwe n’isinzi ry’abantu bibe. Aho ni ku magenekerezo rya 23, 25 na 31 Kigarama, mu ntara za Gitega, Makamba na Bujumbura.

Umviriza ururirimbo "Relax" rwakozwe na iLogos ku bwa Double Jay na Franck Duniano


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.