Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Question G > "Dance with me" y’umurwi Question-G irashira ibirenge hasi
"Dance with me" y’umurwi Question-G irashira ibirenge hasi
jeudi 27 Ruhuhuma 2014
Umurwi wa Question-G uriko uratigita bidasanzwe mu gukora indirimbo bafadikanije n’abandi baririmvyi.
Kuri uyu munsi wa kane igenekerezo rya 27 Ruhuhuma, harasohoka amajwi y’ururirimbo Dance with me. Ururirimbo rwitiranwa n’ururirimbo rwa Jiji Seven, ariko nta "beef" kuko ntizivuga bimwe.
Abarundi barayamaze bati:"abagabo barara kubiri bakarota kumwe", abaririmvyi bo mu murwi wa Question-G bari kumwe na Patient Matabaro yatahukanye agashimwe ka Primusic mu ci riheze, bakoranye ururirimbo barwita "Dance with me". Iryo zina barihuriyeko n’umuririmvyi Jiji Seven. Ariko rero naho bayihuriyeko, nta bimwe vy’ama "beef" kuko ntaco bopfa, ntibahuriza ku majambo kandi Jiji Seven, aririmba indirimbo mpimbazamana. Ibi tubivuze kugira ntihagire abibazako batwaranye amajambo.
"Dance with me" ya Question-G na Patient Matabaro ishira amaguru mu mwanya muto, iri mu ndimi 3. Ivyo rero Josdy Prince Yossi ari muri Question-G, abisigurako barushize mu Kirundi, Icongereza n’Igiswahili kugira ubutumwa buri mu ruririmbo benshi bashoboka.
Ku muhinyanyuzi Adomix, barahakoreye n’urundi ruririmbo Question-G wakoranye n’abaririmvyi Perhaps na Lick Dog rwitwa "Noma sana". Eka na rwonyene ruzosohoka vuba cane.
- Josdy Prince Yossi wo muri Question-G
Chérif Nkeshimana
Messages
27 Ruhuhuma 2014, 21:43, par Gicocoro
Ndipfurije abaririmvyi bose bo muburundi gutera intambwe mumuzika.
28 Ruhuhuma 2014, 14:27, par schaaaaa
nibakore kk barashoboye kwer nibirambire turarindiriye tugumve