Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > indirimbo > Kigali : Mu giteramo Explosion concert abantu bagwanira gukora ku kirato ca (...)
Kigali : Mu giteramo Explosion concert abantu bagwanira gukora ku kirato ca Farious
samedi 9 Munyonyo 2013
Mu giteramo c’agakura cabaye ejo hahise, igenekerezo rya 08 Munyonyo 2013 ahitwa i HUYE mu gihugu kibanyi c’Urwanda, umuririmvyi w’i Burundi Big Farious yari yacitavye. Ico giteramo cataziriwe « Explosion concert »cari citabwe n’abantu isinzi, hamwe n’abaririmvyi nka Riderman, Social, Farious, Professeur Nigga eka n’abandi. Abenshi murabo bava mu gisagara ca Kigali.
Muri ico giteramo kiretse Queen Cha atitavye, abaririmvyi baraho bararonkejwe umwanya ukwiye. Mugani Desire azwi kw’izina rya Big Farious ntiyaronkejwe umwanya ukwiye wo kuryohera abanyarwanda. Umwanya wari wategekanijwe w’ico giteramo wari waheze mu gihe indirimbo yiwe « Bajou »yari irindiriwe n’abantu isinzi itari bwa vuge. Abajejwe umutekano baciye bamuzimirizako ivyuma, ariko Farious ntivyamuciye intege yayiririmvye atavyuma akoresheje, yikoze mugahogo abaraho barakenguruka. Naho vyabaye uko « Ndakumisinze »yari yayihejeje kandi yarakunzwe cane.
Mu masanamu yafashwe muri ico giteramo, biraboneka ko uwo murundi yavyifashemwo neza, aho benshi baniganira gukora ku kirato yari yambaye. Muri ico giteramo nyene haciye hasohoka indirimbo yaririmbanye na Social « Hansange »
Chérif Nkeshimana
Messages
9 Munyonyo 2013, 15:46, par Kirinyota
Namba ari imiti yabashizeko, izo njundi bazihigako iki?
10 Munyonyo 2013, 13:01, par Congera
Nubwo umwanya wariwaheze ntibarikumuzimirizako ako nagasuzuguro cank nikubera atar’umunyarwanda?
3 Ndamukiza 2014, 09:08, par NTIBAGIRIRWA Isaac
L’amour comme la politique ou la croyance est une drogue. Pas étonnant les voirs drogués dans ce sens jusqu’à penser embrasse ses souliers. Nimbe atari agakengere aba Rwandais basanzwe bafise envers les Burundais , bamuciriyeko amatara Kubera jalousie y’ukuntu arushije ababo ( Rwandais).
5 Ndamukiza 2014, 13:44, par Chardack
Abanyarwanda Barasuzugura Abanyamahanga
19 Ruheshi 2014, 17:33, par Coldman’Zi
Kuzivya kiremwa-muntu canke kumuzimiriza ko kandi wamutumiye, vyerekana agasuzuguro n’ishari les organisateurs de ce concert bafitiye Farious. Muri rusangi no mu mico y’abantu, umushitsi arubahirizwa. Umuziki na politique, abo banyarwanda bari bakwiye kubitandukanya maze bakareka Farious akarangura ico yatumiwe. Nayo ahandi, bituma bata agaciro ku banyagihugu. Vyongeye, bibagiye qu’ils ont enormement contrubue a faire sa publicite.
24 Myandagaro 2014, 14:44, par Nkurunziza emmanuel Burundiane
Noneko nzirikanako abanyarwanda ari abavukanyi vyukuri baragize nabi nibazako bose barikureka bakareka akanezereza abanyarwanda ndavye nkajewe ndakunda indirimba zabanyarwanda ariko nabo banka umuvukanyiwacu ncanumv intege nkeya zogushishikara kuzikunda barihanure
24 Rusama 2015, 12:09, par sadiki burundi
nikuri uyumuririmvi big farious arashoboye pe
31 Mukakaro 2015, 15:01, par Nsavyimana Levis
Komera Bwana Big Fa Turinyuma Yawe Turacavuka Naho Bagufash Nabi Mu Rwanda
18 Myandagaro 2016, 07:22, par niyongabo melchisedek
iconukunganira nuko aboba fanz bokubahana ndetse gushirahamwe nivyo vyubaka igihugu ,mbere na music bagakorana kubwanje barinze bakubita chansons zisa nuko biyumvirakimwe .