Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwo bokwubakanye amaze guhindura, ikanzu yokwambaye yayikoreye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Uwo bokwubakanye amaze guhindura, ikanzu yokwambaye yayikoreye (...)

Uwo bokwubakanye amaze guhindura, ikanzu yokwambaye yayikoreye ibitangaza

samedi 3 Nzero 2015

Hasigaye iminsi itanu gusa kugira bereke abavyeyi, incuti n’abagenzi ubukomezi bw’urukundo, umuhungu bagira bubakane yaciye umubwira ko atamukunda ko kandi atabugeni bagirana nawe. Kuva aho aca ategura ukundi yogira urubanza kandi yibagira ikibi yamukoreye.

JPEG - 129.9 ko
Atanguye amafoto ya mbere

Shelby Swink afise imyaka 23 aba mu gisagara ca Memphis i Tennessee amaze kwumva ko uwo bokwubakanye atamukunda ko kandi badashobora kwubakana, yategerezwa guhamagara abo yari yatumiye bose kugira abasivye. N’umubabaro mwinshi w’ibintu yari yamaze kugura nk’ikanzu y’ubugeni yari yamaze gukota, aca yibwira kuyikorera (iyo kanzu) ibindi bishasha, kuko yumva ategerezwa kuyambara.

Shelby Swink ati : "Mu ntango numva umengo n’ibisazi bimfashe. Nibutse amahera umuvyeyi wanje amaze gutanga yitegurira ubugeni, nkaraba ubwiza bw’ikanzu nari kwambara, numva noyitabagura nkayigira ubunywenywe. Ariko rero haciye haza ikindi ciyumviro co kuyikoramwo uwundi muderi w’impuzu utari bwaboneke kandi nashaka ko uwo yampevye atambona nshavuye".

JPEG - 214.7 ko
ari kumwe na filles d’honneur

Shelby Swink yasibije urubanza rwose kiretse umwanya wo gufata amafoto. Muri uwo mwanya, yahamagaye abo bita "demoiselles d’honneur", abavyeyi biwe hamwe n’uwari kumufotora ku munsi w’ubugeni. Ico yakoze, bafadikanije nabo bose bari kumwe, baterana amarangi y’ubwoko bwose,ku mpuzu gushika aho ya kanzu y’ubugeni ihindura ibara agasa ukundi. Yabigize kugira yisanzure, kandi kugira yibagire umubabaro.

JPEG - 160.1 ko
Ariko aryoherwa n’abavyeyi biwe

Shelby Swink akibikora ntiyarazi ko ariko agira ibintu bishasha nk’ubundi bwoko bw’umuderi kuko bahejeje gusigana ayo marangi y’ubwoko butandukanye ku mpuzu no ku mubiri, ya kanzu yayitwaye kuyigurisha mu nzu zigurishirizwamwo amakanzu y’abagize ubugeni ahitwa i Memphis asanzwe aba, aho amafaranga izogurwa azofasha impfuvyi n’abapfakazi.

JPEG - 682.5 ko
Ikanzu yabaye akarorero mu maduka

Raba ayandi mafoto:


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.