Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Iran: Umukobwa amaze kwahukana incuro 10 mu myaka 2
Iran: Umukobwa amaze kwahukana incuro 10 mu myaka 2
mardi 10 Ntwarante 2015
Umukobwa wo mu gihugu ca Iran yarengukijwe imbere y’ubutungane yagirizwa gukoresha amayeri "escroquerie". Uwo amaze kwahukana incuro 10 mu myaka ibiri.
Amakuru atangwa n’ikinyamakuru 7sur7 ntatanga izina ry’uwo mwigeme w’imyaka 20 amaze kwahukana incuro 10 mu myaka iri munsi 2. Ubutungane bumukurikira ku caha co gukoresha amayeri "escroquerie".
None uwo mukobwa yabigenza gute?
Uwo mwana w’abakobwa yakunda kuja mu butambiro bwo mw’ijoro "boites de nuit", yaba agiye kuronderayo abahungu bava mu miryango itunze. Uwo abonye yiketse canke abonye ko afise umuryango utunze cane yamugira umugenzi. Inyuma y’iminsi mikeyi bamenyanye akamusaba ko bokwubakana. Mw’ijoro ry’umunsi w’ubugeni, uwo mukobwa yaca yanka ko bagira amabanga y’abubatse. Maze agasaba igice c’amahera umuhungu ategerezwa guha umuryango w’umukobwa iyo ubugeni bubaye bita"douaire". Umuhungu ashobora gutanga amahera canke inzahabu. Ubugeni butabaye, uwo muhungu ategerezwa kuyatanga naho nyene.
Ayo makuru ava kuri 7sur7.be avugako hari itegeko ry’aba Islam ryo mu mwaka w’i 1979 rivugako ubugeni butabaye umukobwa ashobora gusaba igice c’amahera ari mu masezerano umuhungu yagiraye n’umukobwa imbere y’uko ubugeni buba. Kubera iryo tegeko uwo mukobwa uko yanse ubugeni kwose yahabwa indishi iharugwa hagati y’inzahabu zingana 100 canke 110 canke amahera aharurwa hafi mu ma dorari 30.000 ku muhungu umwe.
Irindi tegeko ryo mu gihugu ca Iran ritegekanya ko igihe ubugeni butabaye ku mugaragaro, umukobwa aca ahabwa uburenganzira bwo gufutisha muri vya bitabo vya Reta umuhungu bagira bubakane. Inyuma yaho yaca arondera uwundi muhungu maze bikaguma uko gushika ku bahungu 10 bahukanye inyuma y’imyaka 2 gusa.
Ubutungane bumaze kubona izina ry’uwo mukobwa rigaruka cane mu bitabo vy’abo, ni ko kumurengutsa.
Cherif Nkeshimana
Messages
11 Ntwarante 2015, 09:26, par Maja
Ni bamufunge uwo ni umusahuzi
11 Ntwarante 2015, 11:25, par Ntiwihebure
Ewe Maja, raba neza! Ahubwo uwo mwigeme ni incabwenge. Urumva ntategeko yarenze. Ikosa yakoze nuko hari abahungu yambuye, ariko none wambuye wisunze amategeko y’igihugu cawe, wumva ikosa riba rifise nde? Uravye neza afise intumbero yo guhinduza amategeko y’ico gihugu ameze nabi, kandi yakubise ho nyaho.
11 Ntwarante 2015, 13:04, par rupande
Mb abo bahungu bo banka kurara bamurongoy muri iryo joro kuki ko mbona ari umwabigwa mwiza? Non ayo mahera yose yarubahuka agatekera batayimushinzemwo?
17 Ntwarante 2015, 00:48, par THERENCE
ahubwo ndadamwe pe!!mbega umukobwa w,umunyabwenge yishakira ico yirira gusa wumva ivy,abagabo yarabikeneye?
31 Ntwarante 2015, 07:30, par Leonidas
Uwo ni umubandi ubutungane nibumukorereko ahanwe.
10 Ndamukiza 2015, 19:27, par YVETTE
HARI IKIRORI KWISI! NNE AZOFATIKI?
21 Ndamukiza 2015, 07:58, par Elias
Abantu bararana nawe bugaca batamwenze nibo arimbwa,ese iyo chance uwoyimpa jewe nomwereka ko iminsi yigisuma ari 20
1er Rusama 2015, 00:04, par Emmanuel
Ivyo ntibibaho non abo bahungu bose aho yabavira mu nzu atanumwe baryamany?j nibaz ko ari brague gusa!
16 Munyonyo 2015, 14:40, par Gentil
Uwo mukobwa arateye isoni yarakwiye guhanwa bikwiye kugira n’abandi bakobwa bafise ingeso nk’izo bazihebe. murakoze!!!
26 Kigarama 2015, 15:56, par buntu
ntawubizi
7 Nzero 2016, 14:14, par ntibarikure j claude
nukumuvuz inzany ntakind nimba bamudigadig arigira nyene
7 Nzero 2016, 14:16, par ntibarikure j claude
nukumuvuz inzany ntakind nimba bamudigadig arigira nyene
31 Rusama 2016, 11:02, par FABRICE
JEWE KUBWANJE NUMVA YUKO YONCA YIGIRA KUBERA SUWO KWUBAKANA NCANKE MUGIHE WOBA WASHUSTWE WONCA UBANZA UKAMURONGORA
31 Rusama 2016, 11:03, par FABRICE
JEWE KUBWANJE NUMVA YUKO YONCA YIGIRA KUBERA SUWO KWUBAKANA NCANKE MUGIHE WOBA WASHUSTWE WONCA UBANZA UKAMURONGORA
13 Gitugutu 2016, 19:20, par Bigirimana Emmanuel
None Muburundi Biriho? Uwo Mwigeme Twovuga Ko Yri Umusambanyi. Ahubwo Yabigize Urucuruzwa .None Ubutungane Bumaze Kubimenya Bakoze Iki? Aho Hantu Haduhere , Inyishu.
9 Ruhuhuma 2017, 06:24, par Nikobiri Egide
Umukobwa ntarukundo afise ukureremba murukundo ntagiti gitagira imizi.
18 Ntwarante 2017, 05:47, par Rutahe Mbonerane Redempteur
Emwe Isi Irabona!Uyo Musuma W,ubutunzi Yitwaje Igitsina Ni Bamuhane Guko Yaratesheje Ibanga Abo Nasore.Ntibikabe Iwacu I Burundi!
22 Ruheshi 2017, 14:56, par Nishimwe Fidèle
Ico Umuntu Yimenyereje Akiri Muto Ntagiheba Ngo Yubatse Imana Iturinde#