Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Question-G witeguriye gusozera umwaka neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Question G > Inkuru > Umurwi Question-G witeguriye gusozera umwaka neza

Umurwi Question-G witeguriye gusozera umwaka neza

jeudi 14 Munyonyo 2013

Indirimbo 3: « dance na sisi », « kalibu kwetu », na « mfata ukuboko ». Amasanamu 2 : « ndo jinsi walivyo » na « dance na sisi », izo nizo ndirimbo za « Question-G »ziriko zikorerwa mu mazu y’ubuhinyanyuzi Adomix na Willy Pro.

JPEG - 103.5 ko
Umurwi Question-G

Ibikorwa vy’umurwi Question-G vyo kurangiza neza umwaka biriko birategurwa. Indirimbo 3 z’umvikana hamwe na 2 zifise amasanamu nivyo umurwi Question G uzosohora mu giteramo cimirije kuzogira imbere y’uko uyu mwaka urangira. Kazoba ari akaryo keza k’umurwi ko kuraba uko umwaka wababereye. Kuraba ko bashitse kuntumbero bari bihaye. Bihweze ko bakoze ivyo bategerezwa kuzokora. Ivyo bikaba mu ntumbero yo kumenya ahabereye ingorane canke kumenya icafashije mw’iterambere ry’umurwi.

Uwo murwi ugizwe n’abaririmvyi batatu ari bo, Sibomana Josdy Prince, Lil Soso ubu ari mu gihugu c’Urwanda, na Alby. Bafise indirimbo zitari nke nka "si jui", "bella na shella", "ndi busy nae" ndeste n’izindi nyinshi. Nyinshi muri izo zikaba ziriko urubuga ngurukanabumenyi. Josdy amenyesha ko umurwi uhagaze neza ko, Imana ikibarinze igihuhusi kiriko gisambura imirwi nka « Wanajeshi Kamili ».

JPEG - 56.5 ko
Josdy

Abandanya amenyeshako hari abaririmvyi bakomezwa n’imirwi barimwo, ariko wewe niyo ari wenyene araririmba, akarorero n’indirimbo « mke wa mtu ni sumu » ifise n’amasanamu meza. Josdy aributsa incuti n’abakunzi b’umuhisi Soso-k ko, mu ntumbero yo ku mwibuka kw’igenerezo rya 26 Munyonyo, bazoteramira mu bunywero buri mu Bwiza 5/5, aho bazohanahana ivyiyumviro. Hazoba hari abanyamuziki batandukanye.

Icatumye badategura igiteramo co kumwibuka nk’umuririmvyi, ngo n’umwanya wo kuganira ku bijanye n’umuziki ukenewe cane kuko abaririmvyi kenshi bahurira mu biteramo, naho ntibaheza ngo bahanahane ivyiyumviro kubera umwanya muto


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.